Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 12/03/2020

Publié le 12 mars 2020 par Rédaction

I. Abategetsi bamwe bamwe barisuka mu gikorwa co gushiraho inzego zirongora ishirahamwe AMOTABU, risanzwe ryunguruza abantu ku mapikipiki. Aho ngo ni mu gihe kuri uno wa kabiri, musitanteri wa komine Muyinga, hamwe n’uwurongoye CNDD-FDD, bategetse ko uwitwa Juma Miburo ariwe atorwa kubandanya arongoye iryo shirahamwe. Abunguruza abantu ku mapikipiki aho i Muyinga ishavu rikaba riniga.

II. Abanywanyi b’umugambwe CNL muri komine Buraza, y’intara ya Gitega, baratewe umutima uhagaze n’irengutswa ry’agasakisaki bakorerwa na musitanteri w’iyo komine kandi ataco biyagiriza. Bavuga ko iryo rengutswa ari iterabwoba n’agatotezo bakorerwa n’abajejwe intwaro. Basaba ko intwaro rusangi bita démocratie yova mu ndirimbo z’abatwara, ikaja mu ngiro mu kwihanganirana mu badasangiye ivyuyumviro vya politike. Musitanteri wa komine Buraza, Didace Rutozi, ngo yaranse kandi ko muri iyo komine hugururwa ingoro y’umugambwe CNL.

III. Aline Ndikumana ari kumwe n’ikibondo ciwe Junior Nganjiyimana, baraye barekuwe kuri uno wa gatatu ku muhingamo inyuma y’iminsi 194 bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Aline Ndikumana, umutambukanyi wa Théogène Ndikumana, umunyamabanga w’umugambwe CNL muri komine Nyabiraba, bakaba bari bagirizwa gutunga ibirwanisho batabifitiye uruhusha. Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE akaba ari mubaharaniye irekurwa rya Aline Ndikumana n’ikibondo ciwe Junior arashimishwa n’iyo ngingo y’ubutungane.

IV. Abantu 12 bahagaritswe ku wa 27 Ruhuhuma 2020 ku mutumba Mahango, komine ya Matana, Intara ya Bururi, bose ubu bafungiwe mw’ibohero rya commissariat ya Bururi. Batandatu ba mbere bungurujwe bavanwa mw’ibohero rya commissariat ya Matana, ku wa gatanu uheze. Abandi batandatu bari basigaye, bakaba baraye bungurujwe mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatatu. Imisi 15 y’ugufungwa mu gihe c’amatohoza ngo n’imisi myinshi ica kubiri n’ingene imanza z’ivyaha ziburanishwa, abize amategeko bakiyamiriza iryo honyangwa ry’amategeko.

V. Abarundi bahungiye mu makambi yo mu gihugu ca Tanzaniya, baratekewe n’ubwoba n’umurindi uteye amakenga, wo kunyuruza abantu bagaheza bakaburwa irengero. Abanyuruzwa benshi ni abahunze bari mu migambwe itavuga rumwe na CNDD-FDD. Abarundi bahungiye Tanzaniya bafise amakenga ko inyuruzwa ry’abagenzi babo ryoba rishigikiwe na bamwe mu bapolisi ba Tanzaniya.

VI. Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwafashe ingingo yo gushira mu bwiherero ingenzi zose zije ziva mu bihugu vya buraya, mu kiringo c’imisi cumi n’ine, mu ntumbero yo gukinga umugera wa korona mu Burundi. Iyo ngingo ikaba ifashwe inyuma y’aho ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwari bwafashe ingingo nk’iyo, ariko yakumira abava mu bihugu icenda gusa vyiganjemwo ibihugu biri ku mugabane wa Asia. Mw’itangazo bwasohoye, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bukibutsa ko ugukaraba n’isabuni biri mu bikinga ikwirakwira ry’uwo mugera. 

VII. Urunani rwa politike KIRA-BURUNDI, ruridoga rukavuga ko ruriko ruraburabuzwa n’inzego z’umurwi CENI ujejwe gutunganya amatora. Urwo runani rusigura ko imirwi ijejwe amatora mu ntara, ahatari hake itakira intonde zarwo mu matora y’abashingamateka n’abahanuzi bo mu ma komine azoba ku wa 20 Rusama. Aloys Baricako, arongoye urwo runani mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kane, yasavye ababijejwe ko bobikosora kugirango amatora aze agende neza.

Ibindi bisa n'ibi