Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 18/03/2020

Publié le 18 mars 2020 par Rédaction

I. Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwatangaje ko umunyamahanga akomoka mu gihugu c’ubufaransa, yari yaketswe ko yoba afise umugera wa corona, ibipimo vyerekanye ko atawo afise. Muganga Thaddée NDIKUMANA, arongoye ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, mw’itanganzo yashikirije abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu, yamenyesheje ko hakoreshejwe ubuhinga bukomeye kugira bagere ku bipimo vyemeza ko uyo munyamahanga n’abo bari kumwe bakomeye. Umushikiranganji w’amagara y’abantu yasubiye kwemeza ko kugeza uyu musi, atamuntu afise umugera wa Corona araboneka mu Burundi. Umushikiranganji w’amagara y’abantu yamenyesheje kandi ko ingenzi zituruka mu bihugu nka Dubayi nabo nyene bazobanza gusuzumwa imisi cumi n’ine.

II. Muganga Thaddée NDIKUMANA aributsa kandi igihe udukoresho twogupfuka ku munwa bita masque dukoreshwa. Thaddée NDIKUMANA yagabishije kandi abadandaza bikika mu kiza mu kuduza igiciro ca bimwe mu bikoresho bikoreshwa mu kugira isuku.

III. Hafashwe ingingo yo kwugara amashure mu makambi y’impunzi ya Nyarugusu, Nduta na Mutendeli, ari mu gihugu ca Tanzaniya mu kiringo c’imisi 30, ivyo akaba ari muntumbero yo kwikingira indwara ya Coronavirus. Ariko ibikorwa bimwe bimwe nk’ivyo gutanga ibifungurwa vyabandanije, nk’uko amakuru dukura mw’ikambi y’i Nduta abimenyesha.

IV. Igisata c’amazi n’isuku mu Burundi ngo kirafise ibibazo bijanye n’uburyo bwo guteza imbere ibikorwa vy’ico gisata. Abakorera muri iki gisata, bategerezwa kukijamwo bafise uburyo bukwiye kugira bakore ibikorwa biboneka. Côme Manirakiza, umushikiranganji w’ubutare n’agataka, avuga ko bagiye kuza barakwirikirana abakorera muri ico gisata, kugira bakorere ahanini mugukwiza amazi yo mu misozi kuko bimaze kubona ko kenshi bihutira kwubaka za Rusengo canke amazi ava mu kuzimu.

V. Mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru, umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA, arerekana uruhara rw’urwego ashinzwe. Aho ashimikira cane cane ku bubasha urwo rwego rufise mu kwumvikanisha abanyagihugu n’inzego za reta.            

VI. Imyidogo ni myinshi kuri bamwe mu banyagihugu bo mu ntara ya Muyinga, bari mu migambwe itavuga rumwe na CNDD-FDD. Baridogera abajejwe intwaro ku nzego zitandukanye ko babakumira mu gihe co gutanga imfashanyo zitandukanye, canke mu gihe c’itunganywa ry’imigambi mito mito, igamije iterambere ry’abanyagihugu rigize iminsi ryibonekeza aho muri iyo ntara ya Muyinga.

VII. Gupfungwa ni kubuzwa uburenganzira bwo kwidegemvya, nayo ubundi burenganzira bwose uwupfunzwe arabugumana. Bivugwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana, aho avuga ko abanyororo bakingirwa n’amategeko y’igihugu, na mpuzamakungu igihugu cateyeko igikumu. Ibiriko birakorerwa abapfungwa ba politike mu Burundi, ngo bikwiye guhagarara, atari uko naho ababikora bamenye ko bitebe bitebuke bazokubitwa intahe mu gahanga. Ivyo Janvier Bigirimana abivuze inyuma yaho icegera c’uwurongoye ibohero rya  Mpimba, Samuel Kayanda, ategekeye ko umunyororo Nathanael NDAYONGEJE atosubira kubona izuba kandi asanzwe akitswe n’amagara muri iryo bohero.

VIII. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu barakwije kuri uno wa gatatu iminsi 149, bafungiwe mw’ibohero rya Bubanza. Baciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka ibiri n’igice, hamwe n’ihadabu ringana n’umuriyoni umwe umwe, na sentare y’igihugu yo mu ntara ya Bubanza. Abacamanza bari bashashe muri urwo rubanza, ni Parfait Muvunyi umukuru w’intahe, Ihuwitonze Eric hamwe na Kaneza Clarisse asanzwe arongoye sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Bubanza. Icariho c’umushikirizamanza akaba yari yabasabiye gufungwa imyaka 15.  Tubibutse ko abo bamenyeshamakuru bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka uheze. Bafashwe bagiye gutohoza amakuru muri komine ya Musigati, ahariko habera intambara hagati y’abitwaje ibirwanisho n’abajejwe umutekano.  Ni Christine KAMIKAZI, Agnès NDIRUBUSA, Thérence MPOZENZI na Egide HARERIMANA bagirizwa gushaka kwifatanya n’abariko bahungabanya umutekano. Amashirahamwe y’abaharanira agateka ka zina muntu, n’ay’abamenyeshamakuru, yaba ayo mu Burundi na mpuzamakungu ntibasiba gusaba irekurwa ry’abo bamenyeshamakuru  bavugako ata kindi bariko barazira atari umwuga wabo wo kumenyesha amakuru.

Ibindi bisa n'ibi