I. Mu ntumbero yo kurwanya ikiza c’umugera wa Corona virus, Uburundi bwafashe ingingo yo kudasubira gutanga impapuro zitanga uburenganzira bwo kugendera Uburundi bita visa. Kubw’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu yabishikirije kuri uyu wa kane abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, ngo si ukwugara imbibe, ahubwo ngo n’ugukinga irandagata ry’ico kiza.
II. Umuhari MAP BURUNDI- BUHIRE, ubonako abarundi bakwiye kuja hamwe, bagakinga bivuye inyuma ico kiza ca CORONAVIRUS. Uwo muhari uvugako hakwiye gufatwa ingingo ruhasha, nko kubuza ibikoraniro vy’abantu benshi ; amashure yose akugarwa ; hama hagashirwaho umurwi w’igihugu uhurikiyemwo bose woba ujejwe gutunganya ibikorwa bijanye no guhangana n’ico kiza. Libérat Ntibashirakandi, umuvugizi w’umuhari MAP BURUNDI – BUHIRE.
III. Abarundi bahungiye mu gihugu ca Ouganda, ngo baratewe umutima uhagaze n’ikiza ca Corona Virus, kimaze gushika mu karere ka Afurika y’ubuseruko. Frédéric Ndayisenga arongoye umuryango w’impunzi z’abarundi muri Ouganda, amenyesha ko impunzi z’abarundi zitegerezwa kwisunga amategeko yashizweho n’ico gihugu, mu ntumbero yo gukinga ico kiza.
IV. Hari abajejwe intwaro bamwe bamwe ku nzego zo hasi, mu ntara ya Muyinga, bariko baratoza amahera abantu na cane cane abatagira akazi, bababwira ko bazoca babashira ku ntonde z’abazokora mu tuzu tw’amatora, nk’uko bamwe mubasabwe ayo mahera babivuga. Inkuru ziva aho muntara ya Muyinga, ngo ayo mahera atozwa ngo akaba ari hagati y’ibihumbi 25 na 30, ariko ngo bamwe muri bene kuyasabwa ntibatahura, kuko ariko aja mumifuko y’abo batware. Ayo mafaranga ariko arasabwa cane cane abashomeri, ngo akaba ariko aratozwa mu ma komine yose y’intara ya Muyinga, nkuko ayo makuru abandanya abimenyesha. Abo bavuga ko basabwe ayo mafaranga bagasaba inzego zitandukanye, kurondera abo bambuzi kugira ntihagire abo bandanya guhenda ngo basahurwe utwabo.
V. Imvura imaze iminsi igwa muri repuburika iharanira demokarasi ya Congo, irabangamiye ubuzima bwa bamwe mu mpunzi z’abarundi ziri mw’ikambi ya Mulongwe. Ibikorwa vyo kwubaka amazu bakikamwo umusaya bikaba vyarahagaze, eka n’amabarabara yacishwamwo ibikoresho akaba atakirengana. Mu buserukizi bw’impunzi bamenyesha ko iyo ngorane izwi ariko ko ata bushobozi bundi bafise, atari ukurindira ko iyo mvura icika.
VI. Ishirahamwe mpuzamakungu ry’agateka ka zina muntu ‘‘International Services for Human Rights’’, ryitwariye kuri uyu wa kane, leta y’Uburundi imbere y’igisata ca ONU kijejwe kurwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu. Iryo shirahamwe rigasaba irenganurwa n’ishumbushwa ry’abashingwamanza bane, ari bo Dieudonné Bashirahishize, Armel Niyongere, Vital Nshimirimana hamwe na Lambert Nigarura, bahagaritswe mu rwego rw’abashingwamanza mu Burundi. Iryo shirahamwe mpuzamakungu ry’agateka ka zina muntu ryagiriza leta y’uburundi guhonyanga amasezerano mpuzamakungu ajejwe gukinga icaha c’ihohotera rya kiremwa muntu mu ngingo yaryo ya 13.
VII. Ikigo ALUMA kirwanya Malaria kiri muri zone Kamenge mu gisagara ca Bujumbura, giherutse kwugurura ikindi kigo gifasha urwaruka kuvavanura n’ibiyayuramutwe. Mu kiringo c’amezi 4 gusa, ico kigo kimaze kwakira urwaruka rurenga 100. Ariko ico kigo ngo kiracafise ingorane z’aho baraza ababitura. Vyashikirijwe na Albert Mbonerane arongoye ikigo ALUMA.