I. Amashure y’abafaransa n’aya babiligi mu Burundi aragabishwa ko ashobora gufatirwa ibihano, ku ngingo bafashe yo kwugara amashure ngo kuko barengeye akarimbi reta. Vyaraye bishikirijwe n’umunyamabanga mukuru wa reta, akaba n’umuvugizi wayo. Prosper Ntahorwamiye yabivugiye kw’iradiyo n’imboneshakure vy’igihugu kuri uyu wa gatatu.
II. Amakuru dukura mubuserukizi bw’ayo mashure avuzwe n’umuvugizi wa reta, ngo imbere yo kwugara ayo mashure, yaramenyesheje ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu, imbere y’igihe.
III. Urudanzwa rw’abakenyezi n’abigeme b’abarundikazi, bajanwa mu bihugu vy’abarabu, ngo rurimwo ukuboko kwa bamwe mu bategetsi bo hejuru b’igihugu. Ngo bakaba batagenda mu kinyegero nk’uko biherutse gushikirizwa na Pascal Nyabenda, arongoye inama nshingamateka, ariko arashaka ko hoba itegeko rigenga abo bajayo. Bivurwa na Pacifique Nininahazwe, arongoye ishirahamwe FOCODE, rimaze igihe ribikorako amatohoza. Abashika kuri 50 akaba aribo baca ku kibuga c’indege ca Bujumbura, ababikamisha nabo bakabikuramwo amafaranga y’umurengera.
IV. Ngo hamwe inama nshigamateka yoba igomba kubikorako amatohoza, ngo yobariza mu gipolisi kiraba imbibe be n’uruja n’uruza PAFE, hamwe no mu buserukizi bw’Uburundi mu bihugu vya Kenya na Tanzania.
V. Hari umugwi mushasha washinzwe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, ujejwe kugenzura ko ata bategetsi bitekerera amatungo ya reta, muri kino kiringo himirije amatora. Umukuru w’uwo murwi Elysée Ndaye, avuga ko mu matohoza uyo murwi umaze gukora, wasanze abategetsi batandukanye bo mu bisata vya reta, biboneka ko iyo ngeso yo kunyonora amatungo ya reta bayifise. Elysée Ndaye akavuga ko igikorwa c’uyo murwi atari uguhana ababikoze, ahubwo ari guhanura. Ivyo akaba yabishikirije kuri uno wa kane mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.
VI. Mu ntara ya Bujumbura, abanyagihugu baba muri zone Rukaramu, muri segiteri ya Kinyinya ya 2 na Kinyinya ya 3, bavuga ko amazu yabo abangamiwe cane n’imyuzurira y’amazi aterwa n’imvura. Hambavu y’ayo mazu abangamiwe ngo hari ikibazo co kwiyunguruza. Abo banyagihugu bakagiriza abari mu ntwaro ko bitwararitse kwitegurira amatora gusa, bigatuma ivyo bibazo vyose batabironderera umuti.
VII. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu barakwije kuri uno wa kane iminsi 157 bafunzwe. Baciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka ibiri n’igice, hamwe n’ihadabu ringana n’umuriyoni umwe umwe, na sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Bubanza. Abacamanza bari bashashe muri urwo rubanza, yari Parfait Muvunyi yararongoye intahe, Ihuwitonze Eric, hamwe na Kaneza Clarisse asanzwe ariwe arongoye sentare nkuru mu ntara ya Bubanza. Icariho c’umushikirizamanza Ntamikevyo Jean Marie Vianney, akaba yari yabasabiye gufungwa imyaka 15. Tubibutse ko abo bamenyeshamakuru bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka uheze i Bubanza. Bakaba bahagaritswe bagiye gutohoza inkuru muri komine ya Musigati, ahariko habera intambara hagati y’abitwaje ibirwanisho n’abajejwe umutekano. Christine KAMIKAZI, Agnès NDIRUBUSA, Thérence MPOZENZI na Egide HARERIMANA bakaba bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu.