I. Abarundi barenga 700 nibo ngo begeranirijwe mu bibanza bitandukanye vyo mu gihugu, mu ntumbero yo gukinga ikiza COVID-19. Abenshi muri bo akaba ari abaje bava mu bihugu bihana urubibe n’Uburundi, aho begeranirijwe hamwe hamwe bakaba bararana ari benshi, ngo vyoroshe ko hagize uwoba yaranduye yoca yandukiza abo barikumwe bose. Bivurwa na Pacifique Nininahazwe, arongoye ishirahamwe FOCODE. Anamenyesha ko ubutegetsi butari bwavyiteguriye, aho mbere hari n’aho begeranirijwe ata tuzu twasurwumwe duhari, aho ni nko mu ntara ya Rumonge.
II. Umushikiranganji w’amagara y’abantu, Thadée Ndikumana, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, yamenyesha ko reta idashobora kuronka uburyo bwo gutunga abantu bavuye mu mahanga, bashizwe aha bonyene kugira bakurikiranwe n’abaganga. Ni mu gihe abarundi baherutse gutahuka basabwe kwimenya mu mahoteri babashizemwo.
III. Uwurongoye ibiro bikuru vya gisirikare lieutenant général Prime Niyongabo yatanze ubutumwa bita message, mu ntumbero yo kurwanya no kwirinda ikiza ca coronavirus, kimaze kwibonekeza mu bihugu bibanyi vy’Uburundi. Ama congés n’izindi mpusha vyahagaritswe. Nta musirikare yemerewe kuva mw’ikambi akoreramwo canke ku kirindiro, mu gihe batagiye mu bikorwa vyategetswe n’abarongoye ingingo zo kwirinda zerekeye isuku zitegerezwa gukurikizwa.
IV. Ihuriro mpuzamakungu ry’urwaruka rw’abarundi MIJEB, ruhimiriza urwaruka gufasha mu nganda zose zo kwirinda umugera wa CORONA. Daniel NGENDAKUMANA akora mu gisata c’amagara y’abantu muri uyo muhari, aributsa kandi urwaruka ko CORONA VIRUS yandukira bose.
V. Ishirahamwe ry’abarundi baba muri Canada ABC, yifatikanije n’ishirahamwe riharanira agateka k’abakomoka muri Afrika LeaderPol, basaba abategetsi ba Canada gukoresha abaganga, abaforoma n’ibindi bijanye n’ubuvuzi batararonka uruhusha rwo gukorera aho muri Canada, muri iki gihe ico gihugu kiriko gihangana n’ikiza ca Corona virus. Ubu abamaze kubonekako iyo ndwara barenga 4000. Mw’ikete bandikiye abo bategetsi, ayo mashirahamwe arerekana ko bofasha mu gihe hibonekeza ko ahakirirwa abarwayi hariho ingorane y’abavuzi badakwiye. Sandra Barancira ajejwe kumenyesha amakuru muri ABC.
VI. Ingingo zikomeye zo kuzitira umugera wa Corona Virus zari zikwiye kuba zarafashwe mu Burundi, inyuma yaho bigaragaye ko umuryango w’akarere k’ibihugu vya afrika y’ubuseruko winjiranwe n’ico kiza. Ivyo bisigurwa na Faustin Ndikumana, yanonosoye ivy’ubutunzi. Muri izo ngingo ngo harimwo n’ukwo leta yarikwiye no gutegekanya ikigega cofasha kwirinda iyo ndwara, kuko ingaruka zayo ari nyinshi mu bijanye n’ubutunzi.
VII. Abanyeshure 6 kuri 10 bari bafungiwe mw’ibohero rya komisariya ya komine Bubanza, barungururijwe mw’ibohero rya Bubanza kandi barumvirijwe muri chambre de conseil, abandi 2 bararekuwe. Umushingamateka Fabiano Banciryanino arizera ko bazorekurwa kugira babandanye ivyigwa. Arasaba kandi ko n’abandi 2 bagifungiwe muri iyo komisariya i Bubanza hamwe n’umwarimu wabo bumvirizwa.