Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 30/03/2020

Publié le 30 mars 2020 par Rédaction

I. Abantu barenga 1200 bitwaje ibirwanisho barinjiye mu gihugu ca Congo, mu masaha y’inyuma y’umutaga kuri uyu w’Imana. Amakuru ava mu gisirikare c’Uburundi avuga ko abo bantu bagizwe n’abasirikare b’Uburundi, bamwe mu migwi y’imbonerakure ahanini bavuka mu ntara ya Cibitoke, n’igice kindi c’abakorera iperereza ry’Uburundi. Ikibajanye ngo kwoba ari ugutuza imigwi yitwaje ibirwanisho iba mugice ca Kivu y’epfo.

II. Akarere ka Afrika y’ubuseruko kari mu bice vy’isi ikiza corona virus kimaze gushikamwo. Abantu barenga 150 nibo bamaze kumenyekana  ko banduye uwo mugera w’ico kiza mu bihugu bine kuri bitandatu bigize akarere ka Afrika y’ubuseruko. Ingingo zo kurwanya no kwirinda ico kiza, zikaba zimaze gufatwa igihugu kimwe kimwe ukwaco.

III. Kureka ibindandazwa vya nkenerwa kwinjira mu gihugu, no kugabanya uruja n’uruza rw’abantu, ni bimwe Leta ikwiye gushimikirako mu ntumbero yo kugwanya  ikiza ca Coronavirus. Ivyo bishikirizwa na Faustin NDIKUMANA, akurikiranira hafi ibijanye n’ubutunzi. Arongera agasaba Leta gufata ingingo zidashoka zibangamira ubutunzi bw’igihugu, n’ukubaho kwa misi yose kw’abanyagihugu.

IV. Abanyagihugu baba ku mugwa mukuru w’intara ya  Muyinga, baratewe impungenge n’iduga ry’ibiciro vy’ibifungurwa bitandukanye. Mu kiringo c’amezi abiri gusa, mw’isoko nkuru iri aho nyene ku mugwa mukuru, ibiciro vy’ibifungurwa bimwe bimwe vyiyongereye incuro zibiri mbere zinarenga.

V. Kw’igenekerezo rya mbere ukwezi kw’indwi, ibibanza vya leta ngo bizoba bifise amazina mashasha. Ivyo bibanza ngo ni nk’amabarabara, ibiraro, ibibuga vy’imipira n’ibindi. Umurwi uzokora ico gikorwa uherutse gushirwaho. Intumbero ngo n’uguha ivyo bibanza amazina y’abantu bitangiye igihugu gusumba abandi. Kubwa Karori Nditije, umwe mu banyepolitike batavuga rumwe na leta, leta ya Petero Nkurunziza ngo ntishobora kwiyumvira abarundi nyabo biguze igihugu.

Ibindi bisa n'ibi