Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 01/04/2020

Publié le 1 avril 2020 par Rédaction

I. Abakozi 3 b’ishirahamwe mutuelle mu biro bikorera ku bitaro vy’i MAKAMBA, bashizwe ukwa bonyene mu gitondo co kuri uyu wa gatatu. Iyo ngingo ikaba yafashwe n’abajejwe amagara n’abajejwe intwaro, inyuma y’aho umwe muri abo bakozi, asanzwe afise umuryango mu gisagara ca Bujumbura, yivugiye ko yahuriye kwivuna akanyota mu gisagara ca Bujumbura, n’umwe muri bamwe babiri, baheruka gutorwa umugera wa COVID-19. Abo bakozi ba mutuelle ku bitaro bikuru vya MAKAMBA, bakaba baciye bajanwa ukwa bonyene munzu iri ngaho kuri ivyo bitaro nyene. Aho bakaba basanzeyo abandi bantu batatu, bazanywe muri iyo nzu nyene, na bo bakaba bayinjijwe kuri uyu wa gatanu, mu gihe bari bavuye mu gihugu ca Tanzaniya. Ibiro vya Mutuelle aho I Makamba ubu rero bikaba vyugaye mu kurindira ikizova mu bipimo.

II. Abantu bagera kuri 12 bari ukwa bonyene mu ma komine ya Mishiha na Cendajuru, zo mu ntara ya Cankuzo mu ntumbero yo kwirinda no kurwanya ikiza coronavirus. Abo bantu bose bari baje bava mu gihugu ca Tanzaniya. Abajejwe intwaro muri ayo ma komine bategeka abo bantu kwirihira ivyo bafungura n’uburaro. Bamwe muri bo kuko ari ba ntaho nikora, hari abagerageza no gutoroka ubuzima butoroshe barimwo. 

III. Umurundikazi akora mu gisata c’ubuvuzi, asaba abarundi n’abandi baba mu Burundi kwubahiriza amategeko bahabwa mu ntumbero yo kwirinda coronavirus. Ivyo ngo vyobarinda kwandura bigatuma idakwiragira hose. Aranakebura abariko bakwiragiza amasanamu y’abo bavuga ko bayirwaye. Ivyo ngo n’ivyo kwirinda kuko bituma abarwaye coronavirus baca bumva ko bakumiriwe. Sylvane NSHIMIRIMANA abivuga afatiye ku ko abona biri mu gihugu c’ubutaliyano, kimwe mu bihugu vya Buraya gisinzikajwe n’iyo ndwara asaba abarundi kwirinda guhahamuka.

IV. Uburundi bwarahagaritse kuva itariki 28 Ntwarante, imiduga itwara ibidandazwa bica mu gihugu c’Urwanda. Inyuma y’iyo ngingo y’Uburundi, Olivier Nduhungirehe, umwunganizi w’umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Urwanda n’ayandi makungu, amenyesha ko leta y’Urwanda yaciye ifata ingingo yo kutemerera iyindi miduga itwara ibidandazwa bica ku butaka bwarwo bigana Uburundi.

V. Inzara n’ubukene bishobora guhonya abantu kurusha ikiza ca coronavirus, ngo kuko igihugu kitemera ko ibidandazwa vyinjira kiba gishaka guhekura abakirimwo. Ivyo bishikirizwa na Jérémie MINANI, avugira urunani CFOR-ARUSHA rw’abatavuga rumwe na leta. Ngo Leta yari ikwiye kwegera nyabuna, abandi bakuru b’ibihugu vyo muri kano karere, mu kurwanya ico kiza.

VI. Mu makuru yacu yo kuri uyu wa kabiri, twarababwiye umunywanyi w’umugambwe CNL yagandaguwe ku munsi wa mbere ku mutumba na zone MAHWA, muri komine ya RYANSORO. Mu matohoza ya radio INZAMBA, NGABIRANO Jean Bosco akaba yishwe atemagujwe imipanga n’IMBONERAKURE z’aho i MAHWA. Muri kino gihe, umuryango w’uwo yishwe, ukaba wanse gushingura uwabo, abamugandaguye badahagaritswe kuko vyabaye izuba riva.

VII. Imigambwe 8 ihurikiye mu runani COPA, imenyesha ko izoshigikira umugambwe CNDD-FDD mu matora yimirije mu kwezi kwa gatanu. Jean de Dieu Mutabazi arongoye urwo runani akaba yabishikirije kuri uyu wa kabiri, mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru.

VIII. Umuhari MAP Burundi Buhire uhamagarira abazokwitoza mu matora yo muri Rusama, kutabandanya bakoraniriza hamwe abanywanyi babo mu kubarinda guhanahana umugera wa COVID-19 ku rugero runini. Ivyo biri mu rwandiko uyo muhari wandikiye abazokwitoza, kuko bari  mubitabirwa n’abanyagihugu benshi.

Ibindi bisa n'ibi