Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 02/04/2020

Publié le 2 avril 2020 par Rédaction

I. Kugera ku muhingamo wo kuri uyu wa kane, umunywanyi w’umugambwe CNL Ngabirano Jean Bosco, yagandaguwe n’imbonerakure ku musi wa mbere ntarashingurwa. Umuryango wiwe uvuga ko adashobora gushingurwa mu gihe abamugandaguye batoba barafatwa, kuko ngo bazwi. Abikekwa nabo ni Eliya Nimubona, arongoye imbonerakure muri zone Mahwa ya komine Ryansoro, hamwe n’abitwa  Ciza donatien, Ntigoheka Gode, hamwe n’uwitwa Bienvenue. Musitanteri wa komine Ryansoro, n’ubu akaba atitavye telefone ya radio Inzamba ngo agire ico avuze kuri urwo rupfu. 

II. Hari abagabo babiri bishwe batemaguwe muri komine Bwambarangwe, ku mutumba Minyago. Abo bishwe akaba ari umuhungu na se, umuhungu yari aherekeje se wiwe yaraje ava muri tanzaniya  kwipimisha ngo amenye ko adafise ikiza c’umugera wa korona, abone kuja mu muryango wiwe. Ababishe bakaba bataramenyekana hagakekwa bamwe mu rwaruka rw’imbonerakure rurara rurakizura kuri uwo mutumba Minyago.

III. Mu ntara ya Muyinga havurwa rusansuma ruriko rurakorwa ku batavuga rumwe na Leta, bamwe muri bo babimenyesha. Bakemeza ko ico rugamije ni ugutera ubwoba abari ku ntonde z’abazokwitoza, kugira ngo bifutishe ku ntonde.

IV. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu barakwije kuri uno wa kane iminsi 164 bafunzwe. Baciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka ibiri n’igice, hamwe n’ihadabu ringana n’umuriyoni umwe umwe, na sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Bubanza. Abacamanza bari bashashe muri urwo rubanza akaba yari Parfait Muvunyi yari arongoye intahe, Ihuwitonze Eric hamwe na Kaneza Clarisse, asanzwe ariwe arongoye sentare nkuru y’intara ya Bubanza. Icariho c’umushikirizamanza akaba yari yabasabiye gufungwa imyaka 15. Tubibutse ko abo bamenyeshamakuru bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 gitugutu, umwaka uheze, i Bubanza. Bakaba bahagaritswe bagiye gutohoza inkuru muri komine ya Musigati, ahariko habera intambara hagati y’abitwaje ibirwanisho n’abajejwe umutekano. Christine KAMIKAZI, Agnès NDIRUBUSA, Therence MPOZENZI na Egide HARERIMANA, bakaba bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. 

V. Umushikiranganji w’amagara y’abantu amenyesha ko abahinga bamaze kwerekana ko ku bice birenga 80 kw’ijana abantu banduye coronavirus batarashikana imyaka 70, bashobora gukira batarinze kuvurwa. Biri mw’itangazo yasohoye kuri uyu wa gatatu. Kubwa muganga Aloys Bubahe, yanonosoye ibijanye n’indwara z’abantu bageze mu zabukuru, cane cane indwara zifatira ku mutima, avuga ko ivyo atari vyo, uwubivuga yoba yihenze.

VI. Abantu bagera kuri 10 barugaranywe mu gisagara ca Rumonge, kuva kuri uyu wa gatatu. Ivyo vyakozwe n’abajejwe intwaro mu ntumbero yo gukinga igwirirana ry’ikiza corona virus.  Bagirizwa kuba bavuye mu gihugu ca Tanzaniya baciye mu nzira zitemewe n’amategeko. 

VII. Impunzi z’abarundi bari mu gihugu ca Ouganda, barafise impungenge zuko hamwe umugera wa corona wobandanya, bashobora kwicwa n’inzara. Ni inyuma yaho ishirahamwe PAM rimenyeshereje ko rigiye kugabanya ibifungurwa ryahora riha impunzi ziri mu makambi. 

VIII. Ubuyobozi bukuru bw’amabohero mu Burundi bwaraye bufashe ingingo yo guhagarika vy’agateganyo, ingendo zose zo kugendera abafungwa kugira ngo hakingwe ikwiragizwa rya COVID-19 mu busho no mu mabohero. Ishirahamwe riharanira agateka ka zinamuntu ACAT, rivuga ko iyo ngingo yari nziza, ariko hakenewe izindi ziyiherekeza, kugira ngo ubuzima bw’abanyororo butamererwa nabi. Jean Claude NTIBURUMUNSI, ajejwe igisata c’amategeko mw’ishirahamwe ACAT.

IX. Ishirahamwe OLUCOME ririyamiriza ingingo yafashwe na leta y’Uburundi, yo kubuza amakamyo arimwo ibidandanzwa avuye mu gihugu c’Urwanda, kwinjira mu gihugu kibanyi c’Uburundi. Ishirahamwe Olucome rikabonako iyo ngingo izogira ingaruka mbi cane ku butunzi bw’igihugu na cane cane bw’abanyagihugu. Ishirahamwe Olucome risaba leta y’Uburundi kwisubirako. Gabriel Rufyiri niwe arongoye iryo shirahamwe. 

Ibindi bisa n'ibi