Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 03/04/2020

Publié le 3 avril 2020 par Rédaction

I. Abanyagihugu bari mu Burundi baridogera cane Leta y’Uburundi, ukungene isa n’iyafashe minenerwe ikibazo c’ikiza ca coronavirus. Kubw’abo banyagihugu baganiriye na Radio Inzamba, Leta ikwiye gufata ingingo zikingira abanyagihugu benshi bashoboka, nkuko biriko birakorwa hirya no hino mu bindi bihugu.

II. Urunani rw’abanyeporitike batavuga rumwe n’ubutegetsi bw’i Burundi CFOR-ARUSHA, rwasohoye itangazo aho ruhamagarira abarundi bose, gukurikiza amabwirizwa yashizweho n’ishirahamwe mpuzamakungu OMS, yo kwikingira ikiza ca Coronavirus. Urwo runani rurabandanya kunegura inyifato ya Leta y’uburundi, ifata minenerwe ico kiza mu kutihutira gufata ingingo zibereye zo gukingira abanyagihugu.

III. Abarongoye amashirahamwe mpuzamakungu bamwe bamwe akorera mu ntara ya Muyinga, ntibashimishwa n’ingingo Buramatari w’intara ya Muyinga, Aline Manirabarusha, aherutse gufata yo kubandikira abasaba intererano irenga imiliyoni 65 mu amahera  y’amarundi, ngo yo kugwanya ikiza c’umugera wa Coronavirus,  nkuko amakuru radio Inzamba yakuye aho i Muyinga, avyemeza. Ayo mafaranga ngo akazogurwamwo ibikoresho vyo kugwanya ikiza Coronavirus, nk’indobo, amabido hamwe n’amasabuni, ngo bizoshirwa mu bibanza bitandukanye bihurirwamwo abantu benshi. Ikindi kizokenerwa ngo n’ibitoro birenga amalitiro 3.000 y’imodoka zizokoreshwa n’abagiye guhimiriza abanyagihugu kugira babakangurire, gukurikiza ingingo zafashwe mu ntumbero yo kwikingira ico kiza ca covid-19, nkuko ayo makuru avyemeza kandi.  Abarongoye ayo mashirahamwe bakavuga ko kiretse ko ayo mahera asabwa ari umurengera, ngo ata na hamwe yategekanijwe mu imigambi yari yishinze  kurangura.

IV. Ikigo OBR kijejwe gutoza amakori n’amatagisi, kimenyesha ko amakori ku nzu zipangishijwe yiyongereye uno mwaka ku bice bigera kuri 14 kw’ijana (14%), n’ukuvuga  imiliyaridi zirenga  zitandatu n’igice muri kino gice ca mbere c’umwaka wa 2020 nizo zegeranijwe. Joseph NDAYIZEYE arongoye igisata kiraba amakori ava ku mazu apangishijwe, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu, yamenyesje ko abantu bapangishije amazu badatanga ikori, bazokurikiriranwa bakariha amakori y’ibirarane n’ihadabu ridasigaye inyuma.

V. Ishirahamwe Olucome rigwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta, ngo nta kintu ryiteze ku murwi uherutse gushirwaho ujejwe gucungera ko abategetsi batanyonora amatungo ya leta, mu gihe basozereye ikiringo cabo. Ishirahamwe Olucome ribonako mu gihe cose hatazoba harajaho amategeko ahasha abategetsi bitwa ngo ni bakuru bakuru, amatungo ya leta ngo azobandanya yibwa ukuri kwamye.

VI. Jean Bosco Ngabirano, umunywanyi w’umugambwe CNL yagandaguwe ku musi wa mbere, yahavuye ashingurwa ku mugoroba wo kuri uyu wa kane, kw’itegeko rya buramatari w’intara ya Gitega, yagiye i Mahwa ari kumwe n’abapolisi n’abasirikare benshi. Umuryango w’umuhisi wari wanse ko afubwa, abakekwa kumugandagura badafashwe. Abo nabo amakuru ava i Mahwa avugako bacijandajandira. Bikaba bivugwa ko abamugandaguye ari mu migwi y’imbonerakure, bakaba bamugandaguye hakoreshejwe imipanga. Musitanteri wa komine Ryansoro, akaba ariwe yagirijwe kuba yarategetse ko bamugandagura, ariko akaba atigeze yitaba telefone kugira atange umuco.

Ibindi bisa n'ibi