Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 04/04/2020

Publié le 4 avril 2020 par Rédaction

I. Inama nkuru y’Abepiskopi ba kiliziya gatorika mu Burundi, isaba  abakristu gukurikiza amabwirizwa atangwa n’abategetsi mû ntumbero yo kwirinda ikwiragizwa ry’ikiza corona virus. Nayo kuvyerekeye ibiringo vy’imisa, basabwa gukurikiza ibisabwa n’abarongozi bama shengero.

II. Icihutirwa ubu s’ugukinga ngo n’ugukora ibishoboka ikiza ca Coronavirus ntigikwiragire mu bantu. Ako n’akagohe ka Tatien Sibomana, umunyeporitike atavuga rumwe na reta. Tatien Sibomana akabivuga yishimikije inyifato zitabereye zicibonekeza mu bantu. Akanatanga n’uturorero tujanye n’aho abantu bakoranira, na cane cane imyiyamamazo itegekanijwe muri poritike.

III. Ariko rero ngo reta ntiyohagarikira aho gusa. Tatien Sibomana abandanya akoma akaruru ku biciro biduga, cane cane kuvyo abanyagihugu bakoresha kugira bikingire ico kiza. Ati ubutegetsi butegerezwa kubicungera amazi atararenga inkombe.

IV. Umunyamabanga w’umugambwe CNL mu ntara ya Kirundo, Ndorimana Hadji, ari mu gasho ka parquet y’iyo ntara, kuva ku muhingamo w’ejo. Yafashwe n’abapolisi bamusanze imbere ya station y’uwitwa Kalfani, aca yurizwa imodoka yo mu bwoko bwa pick up ya commissaire Kabura Jacques. Bamwe mu barongoye umugambwe CNL, bamenyesha ko bataramenya icoba catumye ahagarikwa ariko bakamenyesha ko biri mu rukurikirane rw’itotezwa rigirirwa abatari mu mugambwe uri kubutegetsi, na cane cane abo mu mugambwe CNL.

V. Hari abanywanyi babiri ba CNL, baba muri zone Rukaramu, bamaze amezi atatu bafunzwe, gushika n’ubu bakaba bataraburana, nk’uko vyemezwa n’umuryango w’umwe muri abo. Bahagaritswe mu kwezi kwa 12 umwaka uheze, bagirizwa kwinjiza abarwanyi muri Rukaramu. Ariko imiryango y’abo bafunzwe yo yemeza ko bazira kuba ari abanywanyi b’umugambwe CNL.

VI. Musitanteri wa komine Nyabihanga, mu ntara ya Mwaro, yaraye afashe ingingo yo kubuza abanywanyi b’umugambwe CNL bo ku mitumba ya Kibungo na Kibogoye, gukoranya abanywanyi babo ku ngoro z’uwo mugambwe. Iyo ngingo ikaba yiyamirizwa n’abanywanyi b’uwo mugambwe bo kuri iyo mitumba uko ari ibiri.

VII. Côme NIYONGABO, umukukuruke mu gisoda ca kera EX FAB, yaraye anyurujwe n’abantu bambaye impuzu za gisirikare, kuri uyu wa gatanu mu ntara ya Makamba.

VIII. Mu kiganiro Kw’Isoko c’uno musi, tubabwira ingene abarundi bahungiye i Kigali babayeho muri ibi bihe, hari ingingo y’ukuguma muhira, yafashwe mu ntumbero y’ukwikingira indwara iterwa n’umugera corona.

Ibindi bisa n'ibi