I. Kuri uno wa mbere igenekerezo rya 6 ukwezi kwa kane, niho hibukwa imyaka 26 iheze umukuru w’igihugu Cyprien Ntaryamira yitavye Imana. Mu nkuka y’imisa yo gusabira uyo muhisi, musenyeri Gerevasi Banshimiyubusa arongoye diyoseze ya Bujumbura yibukije abitavye iyo nkuka, ico bokwibukirako Cyprien Ntaryamira.
II. Mu gihe abarundi bibuka igandagurwa ry’umukuru w’igihugu, Cyprien NTARYAMIRA; Pierre Claver NAHIMANA arongoye umugambwe Sahwanya FRODEBU ari nawo NTARYAMIRA yakomokamwo; asaba abarundi kugendera iragi yadusigiye, rishingiye ku co yise Discipline mu nzego zose z’igihugu. Ku bwa Pierre Claver NAHIMANA, muri bino bihe bitoroshe vyegereje amatora, eka isi yose ikaba yugarijwe n’ikiza ca corona virus, abarundi bakwiye kugendera impanuro za Reta hamwe n’iz’abajejwe amagara y’abantu, bakabikorana discipline ibereye.
III. Imana niyo ibandanya ikingira ikwiragizwa ry’indwara ya coronavirus mu Burundi. Bimenyeshwa n’umunyamabanga mukuru akaba n’umu kandida w’umugambwe CNDD-FDD, mu matora y’umukuru w’igihugu, yo muri rusama umwaka wa 2020. Evariste Ndayishimiye akaba yari yifadikanije kuri uyu w’Imana, mu gikorane n’abakirisu bo mw’ishengero ry’aba Méthodiste, mu Gishingano mu ntara ya Bujumbura. Imvugo mu batavuga rumwe na reta babona ko ariyo guhuvya abanyagihugu.
IV. Abanyagihugu baba muri zone Cibitoke mu gisagara ca Bujumbura, barahagaritswe umutima n’inyifato y’abantu bashizwe ukwabo kw’ibarabara rya 14 rya zone Cibitoke, mu ntumbero yo kwirinda coronavirus. Abo bantu baraza barava aho bashizwe, bakaja mu bunywero no mu buriro nk’uko amakuru ava mu Cibitoke avyemeza. Ivyo rero bituma abahaba bagira ubwoba bw’uko bashobora kwandura coronavirus.
V. Abahuye n’abagwayi b’ikiza ca corona virus bari bakwiye gukurikiranwa bose, bagashirwa ahantu ha bonyene kugira ntibagume banduza abandi. Ivyo bivugwa na muganga Arcade Nkurunziza. Ku bwiwe, ngo abanyagihugu bari bakwiye kwigishwa neza ivy’ico kiza, babifashijwemwo n’abajejwe inzego zose mu gihugu.
VI. Abanywanyi b’umugambwe CNL mu bice bitandukanye vy’igihugu barara ntibuca kubera iterabwoba bakorerwa n’imbonerakure za CNDD-FDD, babwirwa ko batavavanuye n’uwo mugambwe, bazokwibonerako. Iryo terabwoba muri ino misi, risa n’iryafashe umurindi udasanzwe, mu gihe hasigaye ukwezi kumwe gusa ngo igihugu kije mu bihe vy’amatora.
VII. Reta irafise ivyo inyegeza mu kurungika abaja kugwanya imigwi yitwaje ibigwanisho muri Congo. Ivyo binegurwa n’abasirikare barungikwa mur’ico gikorwa. Batanga akarorero k’amafaranga ahabwa Imbonerakure bajana aho muri Kongo. Abo basirikare bagasaba ko boronswa nabo ubwo buryo, n’uko bahabwa umuco kuco baba batumwe mur’ico gihugu.