I. Uyu musi Urwanda n’isi yose bibuka ku ncuro ya 26 ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mu mwaka wa 1994. Umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame mw’ijambo yashikirije kuri uyu musi, yasiguye ko ukwibuka abazize ihonyabwoko uyu mwaka bitazomera nkuko vyahora biba mu yindi myaka, kubera ikiza c’umugera wa corona. Umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres nawe yavuze ko kwibuka ihonyabwoko, ari uguha icubahiro abo ryahitanye no gushima intambwe u Rwanda rumaze gutera mu bijanye n’ubumwe, ugusubiza hamwe n’iterambere.
II. Ishirahamwe AC Génocide Cirimoso ryifadikanije n’abanyarwanda bose mu mugenzo wo kwibuka ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mu mwaka wa 1994. Thérence Mushano icegera c’uwurongoye AC Génocide Cirimoso, avuga ko ugushigikira ihonyabwoko ari ukutubaha na gato agateka ka zina muntu. Ahamagarira leta y’Uburundi gukura icirwa muri iryo honyabwoko ryakorewe abatutsi mu gihugu c’Urwanda.
III. Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS, rirabeshuza amakuru amaze imisi avugwa, ko igeragezwa ry’urucanco rwa mbere rurwanya umugera wa Covid-19 ikorerwa mu bihugu vya Afrika. Mw’itangazo ryasohowe n’umunyamabanga w’iryo shirahamwe Tedros Adhanom Ghebreyesus, ariyamariza amajambo afatwa na bamwe nk’amajambo y’amacakubiri. Arahumuriza ko urwo rucanco rutazogeragerezwa muri Afrika.
IV. Umugambwe w’Imbogoraburundi PARENA, ngo urababazwa n’ingene amasezerano y’amahoro y’i Arusha adahabwa ikibanza akwiye. Uwo mugambwe ugasaba inama nshingamateka kwemerako ibwirizwa nshingiro ririho uno musi, ribwirizwa kwisunga ayo masezerano. Atari ukwo amatora yimirije ngo ntashobora kuba amatora meza, yizewe na bose.
V. Muri zone Gatumba, komine Mutimbuzi ku mutumba wa Vugizo, imbonerakure zibiri n’abajejwe intwaro babiri barafashwe bagirizwa gucisha mu nzira za magendo abantu bavuye mu gihugu kibanyi ca repuburika iharanira demokarasi ya Congo. Ngo icatumye abo bantu bafatwa, ngo n’uko barenze ku mategeko y’igihugu na rirya imbibe zose zugaye mu ntumbero yo kwirinda ikiza ca coronavirus.