Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 09/04/2020

Publié le 9 avril 2020 par Rédaction

I. Hari umukenyezi azwi kw’izina rya Grégoniya Ngayisaba wo ku mutumba Kagoma, muri komine Vyanda, intara ya Bururi, yagandaguwe bunyamaswa akerewe mw’izosi. Hari mw’ijoro ryo ku munsi wa kabiri rishira umunsi wa gatatu w’ino ndwi turimwo. Abakoze ako kabi bakaba bamusanze munzu iwe, aho yari asanzwe yibana wenyene. Ikiziga ciwe cabonywe ku munsi w’ejo mu gatondo, inyuma y’aho ababanyi bamaze umunsi wose batamubonye, ari kwo kugira amakenga bakaja kumuraba. Abajejwe intwaro bakaba bazindukiyeyo uno munsi kumvo zo gutangura amatohoza.

II. Imyaka 11 iraheze, Ernest Manirumva yari icegera c’uwurongoye ishirahamwe OLUCOME agandaguwe. Idosiye ijanye n’ibirwanisho vyaguzwe na leta y’Uburundi ntibishike mu bubiko, vyavugwa ko vyahawe abarwanyi ba FDLR, yoba ariyo yatumye agandagurwa.

III. Ababuranira ishirahamwe OLUCOME n’umuryango wa Ernest MANIRUMVA, bamenyeshako hatigeze haba amatohoza nyayo ku rupfu rwa Ernest MANIRUMVA; ngo n’urubanza rwacitse rwabaye inkinamico. Abashingwamanza bakagiriza ubutungane bw’Uburundi ko butigeze bwerekana ukwigenga kwabwo, bagasaba ko amatohoza ku bwicanyi bwa Ernest MANIRUMVA yosubirwamwo kuva ku ntango. Umushingwamanza Alexis DESWAEF akamenyesha ko n’urubanza bungururije muri gasamburamanza rwabaye impfagusa. Alexis DESWAEF n’icegera c’uwurongoye ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu. Akaba kandi ari umushingwamanza muri sentare mpanavyaha mpuzamakungu CPI.

IV. Abo baburanira Olucome n’umuryango wa Ernest MANIRUMVA bamenyesha ko ubutungane bw’Uburundi butikubise agashi butazorekera ngaho. Bazoshengeza Uburundi mu ma sentare yo mu karere na mpuzamakungu yigenga. Umushingwamanza Alexis DESWAEF yibutsa ko ishirahamwe mpuzamakungu rifise igisata kiraba ingene abacamanza bigenza mu bihugu mu kwuzuriza abantu.

V. Ubutegetsi bw’Uburundi bwarakoze ibishoboka vyose kugira ngo abagandaguye umuhisi Ernest MANIRUMVA ntibafatwe ngo bahanwe. Ivyo bishikirizwa na Pacifique NININAHAZWE, umwe mu baharanira agateka ka zina muntu mu Burundi. Gukingira abategetsi babifisemwo uruhara, no gutera ubwoba amashirahamwe ari mw’isekeza ryo kurondera ubutungane kuri Ernest MANIRUMVA, ngo biri mubituma ukuri kutaja ahabona.

VI. Ishirahamwe rijejwe impunzi HCR rifadikanije n’ishirahamwe rijejwe ibifungurwa PAM, ryaratanze kuva kuri uyu wa mbere amatelefone ngendanywa ku mpunzi z’abarundi bari i Mulongwe muri repuburika iharanira demokarasi ya Congo. Ni mu ntumbero yo kugira iryo shirahamwe rizoze riracisha amahera ahabwa impunzi buri kwezi, muri ayo materefone. Ibitashimishije impunzi kuko ngo babibonamwo utunenge twinshi.

VII. Ingingo zo kurwanya ikiza ca Covid 19 kubasanzwe bagendana umugera wa SIDA zarafashwe n’ikigo ANSS, gisanzwe citaho abagendana umugera wa SIDA. Kubwa Jeanne Gapiya arongoye ico kigo, ngo kimwe muvyo bateguye gukora n’ugushira imiti mu ngo z’abo basanzwe bitabwaho n’ikigo ANSS, mu ntumbero yo kugabanya abantu bahurira hamwe ari benshi. Akibutsa ko umurwayi wa SIDA mu gihe bamupimye ntiboneke mu maraso, ikiza ca Covid kimufata nk’uyundi muntu uwariwe wese.

Ibindi bisa n'ibi