Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 10/04/2020

Publié le 10 avril 2020 par Rédaction

I. Hari abamenyeshamakuru n’umuchoferi ba Radio Isanganiro baraye batotejwe, imodoka yabo irononekara, bikozwe n’urwaruka rwiyitiriye ko ari imbonerakure. Ivyo vyabaye kuri uno wa kane, ku mutumba Rukuba, zone Kanyosha, mu ntara ya Bujumbura. Iyo ngendo ikaba iterwa ivyatsi n’umuyobozi wa Radio Isanganiro, eka mbere n’umukuru w’urunani rw’abamenyeshamakuru mu Burundi.

II. Mu rwandiko yashikirije abarundi n’amakungu, Charles NDITIJE arongoye umugambwe UPRONA utemewe n’ubutegetsi bw’i Gitega, ahamagarira abarundi kurwanya ikiza ca coronavirus kimaze kubinjirana, mu kwirinda amakoraniro y’abantu benshi no guhagarika imyiyamamazo y’amatora. Charles NDITIJE aranegura inyifato y’abategetsi b’I Burundi, bashira imbere amatora bakibagira abanyagihugu.

III. Ubwoba bw’ikiza ca Corona virus mu bihe vy’amatora buriho mu bazokwitoza ku ntebe y’umukuru w’igihugu. Domitien Ndayizeye, umwe mu bitoza avuga ko ibijanye n’ico kiza bidashobora kuba ibinyegezwa mu Burundi, asaba abarundi na Leta kubikurikiranira hafi, kugira bibaye ngombwa mu gihe ico kiza cokwiragira mu gihugu, amatora yigizweyo. Domitien Ndayizeye asigura ariko, ko muri kino gihe hakirangwa umwizero kuko ibitigiri bitangwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bitaraba umurengera.

IV. Ishirahamwe ry’ibihugu vya Afurika y’ubuseruko EAC, ryaragenye uwuzorongora umugwi uzokurikirana ingene amatora yimirije mu Burundi azogenda. Mizengo Pinda yahoze ari umushikiranganji wa mbere mu gihugu ca Tanzanie akaba ariwe yagenywe.

V. Jérémie MINANI, umuvugizi w’urunani CFOR, rutavuga rumwe na leta amenyesha ko ata gitangaje kubona ishirahamwe rya EAC rishira imbere umutanzaniya igihugu gishigikiye leta y’i Bujumbura kandi ngo leta y’u Burundi ifise umukozi mw’ishirahamwe EAC ari nawe yamugenye. Jérémie MINANI ati, umunyamabanga wa EAC Libérat MPFUMUKEKO akorera ubutegetsi bw’i Bujumbura n’umugambwe CNDD-FDD, ngo nta nyungu z’akarere uwo munyamabanga ariko ararondera, uretse gukwegera EAC mu guhagarikira inkinamico y’amatora.

VI. Impunzi z’abarundi zigera kuri 40 zari zisanzwe ziri mw’ikambi ya Nduta muri Tanzaniya, ejo zaratahukanywe ku nguvu mu gihugu c’Uburundi. Imbarutso y’iryo tahukanywa ngo n’uko batigeze biyandikisha muri rusansuma ruheruka rw’impunzi, hari mu kwezi kwa Nyakanga. Izo mpunzi zatahukanywe zikaba zari zimaze igihe zisaba ishirahamwe HCR kwandikwa nk’izindi, nkuko umwe mubabikurikiranye yavuganye na Radio inzamba abitumenyesha.

VII. Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu ACAT-Burundi ririyamiriza amabi akorerwa abanyororo bo mu mabohero ya Muramvya, Gitega, Rumonge na Bujumbura, mur’iki kiringo. Mu cegeranyo c’ukwezi kwa gatatu ACAT-BURUNDI yasohoye, isaba leta gukingira agateka ka zina muntu harimwo n’ak’abanyororo. Umushingwamanza Jean Claude NTIBURUMUNSI, ajejwe igisata c’amategeko muri iryo shirahamwe.

Ibindi bisa n'ibi