Amakuru

Amakuru yo ku wa 11/04/2020

Publié le 11 avril 2020 par Rédaction

I. Harabaye umukenyuro mu gikorwa c’igisirikare c’Uburundi, gifadikanije n’imbonerakure, co kuja guhiga abarwanyi bivurwa ko barwanya leta y’Uburundi, bari mu gihugu ca Congo.  Mu basirikare bagera ku 1200 bategerezwa gukora ico gikorwa, hafi igice cabo kiri mu bice vya FIZI. Abagera kuri 700 nabo basubijwe mw’ikambi, ubu bageze mw’ikambi yo ku Rukinga mu Rumonge. Amakuru amwe ava mugisirikare, avuga ko abo bari ku Rukinga, bariko barondera kujabuka baciye mu kiyaga Tanganyika, kugira bashikire bagenzi babo bari i FIZI.

II. Imyidogo ni yose ku badereva b’imiduga minini minini, ikura ibidandazwa mu gihugu ca Tanzaniya kuva ku kivuko c’i Dar es Salaam, babijana mu Burundi, aho bavuga ko bafatwa nabi cane mu nzira bagirizwa ko binjiza umugera wa Corona virus mu gihugu. Abo badereva bavuga ko uwuhirahiye ngo ave mu modoka kugira ngo aje kugura ico afungura canke kwihagarika, akubitwa canke akakwa amafaranga y’umurengera, ari naco gituma bafashe ingingo yo guhagarika izo ngendo mu Burundi, nkuko uwuserukira abo  badereva  abivuga.

III. Icuka si ciza hagati y’abayoboke b’umwigeme bivugwa ko abonekerwa Euzebie NGENDAKUMANA, batazira Zebiya n’abajejwe intwaro mu ntara ya Rumonge. Abayoboke b’uwo Zebiya bamaze imisi bagomba kubafata amasanamu n’amakanda. Amakuru ava mu kibanza begeranirijwemwo, akavugako batavyerekwa aho basigura ko ukwemera kwabo kutabibarekurira.

IV. Abanywanyi babiri b’umugambwe CNL bo ku musozi Mufumya, komine Butaganzwa, muntara ya Kayanza, bari ku musego mu bitaro vyo mu Musema, kuva ku musi wa kane w’iyi ndwi. Hakaba ari inyuma y’aho kuri uwo musi nyene, abagera kw’icumi bakubiswe n’imisore y’imbonerakure y’umugambwe CNDD-FDD, bivuye ku mutego woba wari watezwe n’abakuru b’imitumba igize komine Butaganzwa.

V. Urunani CBDH-VICAR rw’amashirahamwe aharanira agateka k’impunzi z’Abarundi, bari mu makambi atandukanye mu bihugu vy’aka karere, rusaba HCR ku butegetsi bwa Tanzaniya, guhindura uko bafasha impunzi ziri mur’ico gihugu bakaziha amafaranga. Ivyo ngo n’uko iyo bagiye gufata ibifungurwa, begerana cane bigashobora gutuma banduzanya ikiza corona virus. Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye urwo runani.

Ibindi bisa n'ibi