I. Ku rubuga rwa Twitter, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwamenyesheje ko umwe mu bari batowe coronavirus, yararwariye ku bitaro Kira, yitavye Imana kuri uyu wa Mungu, ariko ko urupfu rwiwe rwatewe n’izindi ndwara yarasanganywe. Uyo yitavye Imana, akaba atari mu bayanduye bayikuye hanze y’igihugu. Akaba yaheruka gupimwa iyo ndwara inyuma y’iminsi itari mike arwariye mu bitaro, mu gihe yaza yarerekanye ibimenyetso vya coronavirus. Uwo mugabo w’imyaka 41, akaba yari mu murwi w’abantu babiri bashasha umushikiranganji w’amagara y’abantu yamenyesheje ku munsi wa gatandatu ko banduye coronavirus. Kubwa Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE, ng’ivyo vyerekana neza k’umugera wa coronavirus uriko urakwiragira mu gihugu, ku rugero rutazwi. Agahamagarira abategetsi b’Uburundi guhaguruka bagafata ingingo zihambaye kugira ejo ntibazosange ataco bagikiza.
II. Inama nshingwabikorwa y’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, yaraye ifashe ingingo yo guhagarika ihiganwa kuko basanga ata kiriko kirapfa ku kiringo bihaye. Ariko amakuru ava hirya no hino mubegereye iryo shirahamwe, aremeza ko indwara ya Corona Virus itari kure y’iyo ngingo.
III. Itotezwa rigirigwa abanywanyi b’umugambwe CNL, rikozwe na bamwe mu banywanyi b’umugambwe CNDD-FDD rirabandanya kwibonekeza mu ntara ya Muyinga. Aho hari abanywanyi 2 b’umugambwe CNL muri komine Giteranyi, baraye bakomerekejwe na bamwe mu rwaruka rw’imbonerakure, nkuko amakuru radio Inzamba yakuye aho muri komine Giteranyi, avyemeza.
IV. Abatanze amazu yabo agakoteshwa, ngo abe ingoro z’umugambwe CNL muri komine Nyabihanga, y’intara ya Mwaro, bariko bagirwako iterabwoba no gutotezwa bidasigaye inyuma, kugira babihebe gukotesha vyanka vyakunda. Iryo terabwoba barikorerwa n’uwurongoye igendereza ku rwego rw’intara, Gérard Ndayisaba. Abanyagihugu b’i Nyabihanga bakavuga kandi ko uwo mukozi w’iperereza hejuru y’iterabwoba n’agatotezo, abasahura n’utwo babiriye akuya.
V. Abanyezamu bo ku mashure mato mato yo muri komine Mukike, intara ya Bujumbura, bavuga ko bababazwa n’uko ata mushahara baherutse kuronswa. Amakuru ava muri bamwe muri bo, yemeza ko baheraniwe imishahara y’amezi 12. N’aho bamaze gutura iyo ngorane uwujejwe indero muri iyo komine, nta nyishu yerekana ko ayo mafaranga baheraniwe bazoyaronswa vuba. Kuri iyo myidogo, umuyobozi w’indero muri komine Mukike, ntiyashimye kugira ico abivuzeko. Musitanteri w’iyo komine nawe yavuze ko atavyo yari azi, ariko ko azobitohoza.
VI. Abakozi 7 baramaze kwirukanwa mw’ihinguriro Afritextil ryahoze ryitwa COTEBU. Kubw’amakuru ava muri iryo hinguriro, abo birukanwa bazira ihagarikwa ry’akazi ryaheruka gukorwa n’abakozi muri iryo shirahamwe. Abakozi b’iryo hinguriro bagasaba nyene iryo hinguriro Taruk Bashir, kubagarukira agahindura abayoboye iryo hinguriro kuko ngo aribo batuma akazi kagenda nabi.