I. Ubwoba bwo kwandura umugera wa Corona Virus buratekeye abanyororo, bari mu mabohero atandukanye mu Burundi. Ubwo bwoba butumwa n’uko basanzwe babana begeranye cane. Ivyo bikunyurwa kandi n’uko naho ubuyobozi bwabujije abaja kuraba abanyororo, uruja n’uruza mu mabohero rutigeze ruhagarara.
II. Leta y’Uburundi irakwiye gufata ingingo, zohumuriza abarundi zijanye no guhangana n’ikiza ca coronavirus, ciziziye isi yose. Jérémie Minani, kw’izina ry’umugambwe RDB, yarungikiye ikete umukuru w’igihugu, amwibutsa ko ategerezwa gufata ingingo zose zo gukingira abanyagihugu, kuko ariwe abazwa umutekano wabo.
III. Ibanki y’isi yaremeye kuri uno wa kabiri, gutanga imfashanyo ingana n’imiliyoni zitanu z’ama dorari y’abanyamerika ku Burundi, kugira afashe gukinga ikiza ca coronavirus. Kubw’iyo banki y’isi, iyo mfashanyo izofasha no mu gisata co kwivuza n’ukwigisha abakurikirana abarwayi.
IV. Imitahe yo kurondeza abanywanyi ba CNL igera kuri 15 yarasohowe muri zone Maramvya, komine Mutimbuzi, mu ntara ya Bujumbura. Aho n’inyuma y’icuka kibi kimaze imisi kuva itariki 4 Ndamukiza, umusi haba ibirori vyo kwugurura ingoro y’umugambwe wa CNL, muri zone Maramvya. Ico gihe hakaba harabaye imishamirano hagati y’imbonerakure n’abanywanyi ba CNL. Ubu bamwe bamwe mu ba CNL bakaba barara rubunda ku gutinya gufatwa.
V. Hagize iminsi hibonekeza iburabuzwa ry’abanywanyi b’umugambwe CNL, mu ntara ya Mwaro, komine Nyabihanga, aho abanywanyi b’uwo mugambwe CNL ejo babujijwe kugirira inama mu ngoro y’umugambwe iri muri zone Munago. Komiseri wa komine Nyabihanga, afatanyije n’imbonerakure, akaba aribo baburabuje iyo nama. Inyuma y’aho, umwe mu ndongozi z’uwo mugambwe muri iyo ntara nyene, akaba yarafashwe n’abajejwe iperereza, gushika n’ubu akaba atawuramenya irengero ryiwe. Abanywanyi b’umugambwe CNL bagasaba ko yorekukwa atakirinze gusabwa, nkuko tubibwirwa n’umwe muribo.
VI. Hari umuriro waraye wadutse mu nzu y’uburaro ku murwa mukuru w’intara ya Muramvya, mw’ijoro ryo kuri uyu wa kabiri. Icateye uwo muriro kikaba kitaramenyekana. Abanyagihugu bakanegura ko igipolisi caje gutabara n’imodoka izimya umuriro bita kizimya mwoto, ariko ikaba ataco yashoboye gukiza ngo bivuye kubumenyi buke.
VII. Imyidogo ni myinshi kubakozi bakorera mu bitaro CMCK mu Kinindo, aho ni muri mairie ya Bujumbura. Abo bakozi bakaba bamaze amezi atandatu bataronswa agashahara kabo. Bakamenyesha ko vyatanguye guhinduka inyuma y’aho baronkeye abayobozi bashasha. Umwe muri abo bakozi yaganiriye na radio Inzamba.