Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 18/04/2020

Publié le 18 avril 2020 par Rédaction

I. Hari umuntu yitwa Médard Kazungu, afungiwe muri komisariya y’igipolisi ya komine Gitega, kuva kuri uno wa kane, amaze gufatwa n’uwutwara iperereza i Gitega. Aho n’inyuma yaho yandikiye ubutumwa kuri telefone, arungikira uwitwa Eric, avukana na Kaburimbo, aheruka kwicirwa i Matana, amubwira ko harivyo yamuzaniye bamurungikanye. Ubwo butumwa bwashitse, telefone y’uwo Eric iri mu minwe y’igipolisi, niko kuca baja gufata uwo Médard. Umuryango wiwe ugasaba ko yorekurwa kuko ariko azira ubusa.

II. Ukutihanganiranira hagati y’abanyamigambwe kurabandanya kwibonekeza mu ntara ya Muyinga, aho hari umukenyezi  w’umunywanyi w’umugambwe CNL, azwi kw’izina  rya Emelyne Mukeshimana. aturuka ku mutumba Kagombe, komine Mwakiro, yakubaguwe  kuri uyu wa gatanu ku muhingamo, n’uwurongoye imbonerakure ku mutumba  Mwakiro, n’uwitwa Révérien BUREGEYA, nk’uko amakuru ya radio Inzamba  ava aho i Mwakiro avyemeza. Buregeya akaba yafadikanije ico caha n’abitwa Mayunga Amisi, Hasabamagara Déo, hamwe n’uwo batazira Mbombogoro, bose bari mu rwaruka rw’imbonerakure. Mukeshimana akaba yakubaguriwe mw’ibarabara, aho yari ahuye n’izo mbonerakure  zimukomeretsa cane  kw’ijisho ry’i buryo. Nta ndwi yari bwahere  abandi banywanyi ba CNL bakubaguwe muri komine ya Giteranyi, be no muri komine Muyinga. Musitanteri wa komine Mwakiro Sylvie Muhimpundu tukaba tutashoboye kumuronka.

III. Hari bamwe mubari mu mugambwe UPRONA bakoreye inama muri komine Muha, kuri uno wa gatandatu, aho bamenyesheje ko bazoshigikira Evariste Ndayishimiye, mu matora yimirije kuko umu kandida wa UPRONA Gaston Sindimwo atagenywe biciye mu muco. Isidore Mbayahaga ari muri abo, akaba avuga ko badashobora kuja inyuma y’abasahuye umugambwe. Olivier Nkurunziza avugira UPRONA, akaba yamenyesheje ko abo bagize inama, batakiri mu mugambwe UPRONA, kuko birukanywe kubera amakosa bakoze. Yaboneyeho gusaba abadasigana b’ukuri kuzoshigikira umu kandida wabo, ariwe Gaston Sindiwmo.

IV. Ingingo yo kugara ikibuga c’indege irashimwa n’abo mu runani rw’imigambwe, iharanira kwubahiriza amasezerano ya Arusha, CFOR Arusha, ariko bagasaba ko hoba izindi ngingo mperekeza zotuma abarundi bakingirwa umugera wa corona virus. Ivyo bishikirizwa na Jérémie Minani, avugira urwo runani, inyuma y’aho ubushikiranganji bujejwe gutwara abantu n’ibintu bufashe ingingo yo kubandanya bwugaye ikibuga c’indege ca Bujumbura. Jérémie Minani avuga ko ikigo kimwe ca reta gipima iyo ndwara kidakwiye, kugira abarundi basuzumwe mugihe uwo mugera wamaze kwinjira mu gihugu.

V. Mu kigabane “Kw’isoko”, tuvuga ibijanye n’Ibanki y’Urwaruka iheruka gutanguza ibikorwa vyayo ku mugaragaro.

Ibindi bisa n'ibi