Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 20/04/2020

Publié le 20 avril 2020 par Rédaction

I. Igice ca gatatu c’umwaka w’ishure catanguye kuri uyu wa mbere, mu Burundi. Abanyeshure batonze kw’ishure mu bihe bidasanzwe, Uburundi bumaze guharurwamwo abarwayi 6 ba coronavirus. Ivyo rero bikaba bitashimishije abigisha bavuganye na radio Izamba. Bavuga ko iyo ngingo yo kurungika abana kw’ishure ubu, ishobora gushira igihugu mu kaga. Berekana ko ibitigiri vy’umurengera vy’abana mu masomero atari make, hamwe n’uburyo ivyirwa bitangwa, bidatuma ingingo zafashwe zo kwirinda irwirirana ry’iyo ndwara, zikurikizwa bikwiye.

II. Ngo birataganje kubona Reta y’Uburundi yemeye ko abanyeshure basubira gutangura ivyirwa, mu gihe isi yose n’Uburundi burimwo, bihanzwe n’ikiza ca COVID19, camaze inganda kw’isi. Liberat Ntibashirakandi akurikiranira hafi ivy’indero, asaba aberwa n’igisata c’indero gukora ibishoboka vyose ngo inyungu za bamwe ntizije imbere, kurusha iziraba ubuzima bw’igihugu cose.

III. Abategetsi b’Uburundi ngo bakwiye guhaguruka mu kurwanya ikiza ca Coronavirus, amazi atararenga inkombe. Ivyo bishikirizwa n’umurundi aba muri reta zunze ubumwe z’amerika, aho atanga akarorero ku nyifato y’umukuru w’ico gihugu Donald TRUMP, yafashe minenerwe ico kiza kigitangura, none ubu vyamutaye ku w’amazi.

IV. Ikambi ya 112 y’abasirikare b’Uburundi iherutse kujabuka ija mu gihugu ca Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo, mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko. Abo basirikare baciye mu mazi y’ikiyaga Tanganyika, bivurwa ko bagiye gushinga ibirindiro mu mitumba ya Fizi, mu ntumbero yo gutuza imirwi y’abarwanyi b’abarundi, ivugwa muri ico gihugu ca Congo. Abo basirikare bakaba bagiye basangayo bagenzi babo bamazeyo indwi zirenga zibiri.

V. Ubwicanyi ry’abantu bari mu minwe y’inzego zijejwe umutekano, n’ihagarikwa rinyuranye n’amategeko bikorwa n’imbonerakure, bamwe muba polisi n’abakozi b’iperereza b’Uburundi, birabandanya mu gihe hegereje amatora. Abakorerwa ayo mabi bakaba ari abo mu migambwe itavuga rumwe na CNDD FDD. Turagaruka kuri ayo mabi afatiye ku guhonyanga vy’agahomerabunwa, agateka ka zina muntu.

VI. Umugwi wigenga wa ONU ujejwe gukurikirana ivy’agateka ka zina muntu mu Burundi, usabwa n’urunani ruhurikiyemwo imigambwe iharanira iyubahirizwa ry’amasezerano ya Arusha CFOR Arusha, gukurikiranira hafi Uburundi, kubera ubwicanyi n’ayandi mabi afatiye kumvo za politike, biriko birakorwa mu gihugu. Aho n’inyuma y’aho muri ibi bihe Uburundi bwimirije amatora, kwica no kunyuruza abantu batavuga rumwe na reta ya CNDD FDD, biba inzego za reta zirorera. Jérémie Minani avugira urwo runani, yagiriza reta y’Uburundi ko iriko yikika mu kiza mu gihe isi yose, ihanganye n’ikiza ca coronavirus.

VII. Urunani rwa politike Kira-Burundi ruratewe umutima uhagaze n’ingene amatora ariko arategurwa. Urwo runani rwandikiye ikete umukuru w’igihugu, aho rwiyamiriza ukugene umugwi ujejwe gutegura amatora CENI uriko urakora, wagirizwa kwonona itegurwa ry’ayo matora.

VIII. Imyuzurira y’amazi ivuye ku ruzi Rusizi, rwarenze inkombe kubera imvura nyishi yaguye muri rino joro ryo kuri uno w’Imana, yatumye abantu bo mu miryango 5000 bo muri zone Gatumba  babura aho bakika umusaya. Musitanteri wa komine Mutimbuzi, Butoyi Siméon amenyesha ko bariko baragerageza uko bashoboye, kugira hagire igikorwa cihuta, abo banyagihugu ntibarare mw’ibarabara.

IX. Mu gipolisi kijejwe gukinga Ibiza, basaba abo banyagihugu ko atawohirahira ngo asubire mu mazu. Antoine Ntemako atwara ico gipolisi, avuga ko bariko barakorana n’abajejwe gufasha, kugira bagarukire kuri abo bantu basinzikaye.

Ibindi bisa n'ibi