Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 21/04/2020

Publié le 21 avril 2020 par Rédaction

I. Umushikiranganji w’amagara y’abantu mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, yamenyesheje ko habonetse abandi bantu 5 banduye umugera wa corona. Yaboneyeho no kumenyesha ko 4 bandi bari bagwaye, bakize, agashimira abaganga bitanga, yongera asaba abarundi kubandanya bakurikiza amategeko y’isuku. Muganga Thaddée Ndikumana.

II. Ibiharuro vy’abandura ikiza c’umugera wa Corona mu karere ka Africa y’ubuseruko, hamwe bitera vyiyongera ahandi naho ivyo biharuro bikaba bigabanuka bivanye n’uko  ingingo zo kwikingira zafashwe, kandi zigashirwa mu ngiro.

III. Uburundi buza mu kibanza ca 160 ku bihugu 180, mubijanye n’ubwigenge bwo kumenyesha amakuru. Ivyo biri mu cegeranyo cashizwe ahabona n’ishirahamwe RSF, ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe. Ubwigenge bwo kumenyesha amakuru butera busubira inyuma mu Burundi, ugereranije n’imyaka iheze.

IV. Ngo nta gitangaje na kimwe kubona Uburundi buguma busubira inyuma mu vyerekeye ubwigenge bwo kumenyesha amakuru. Ivyo bivugwa na Alexandre Niyungeko, arongoye ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru UBJ. Ku bwiwe ngo Uburundi ntibushobora gutera imbere kandi budahengeshanya guturubika abamenyeshamakuru mu mwuga wabo. Uko ibintu bimeze uno musi mu Burundi, ngo vyerekana ko no mu gihe c’amatora, abamenyeshamakuru batazokworoherwa mu kazi kabo.

V. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu barakwije kuri uno munsi wa kabiri, iminsi 183 bafunzwe. Baciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka ibiri n’igice, hamwe n’ihadabu ringana n’umuriyoni umwe umwe, na sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Bubanza. Abacamanza bari bashashe muri urwo rubanza, akaba yari Parfait Muvunyi yararongoye intahe, Ihuwitonze Eric hamwe na Kaneza Clarisse, asanzwe ariwe arongoye sentare nkuru y’intara ya Bubanza. Icariho c’umushikirizamanza Ntamikevyo Jean Marie Vianney, akaba yari yabasabiye gufungwa imyaka 15. Tubibutse ko abo bamenyeshamakuru bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka uheze i Bubanza. Bakaba bahagaritswe bagiye gutohoza inkuru muri komine ya Musigati, ahariko habera intambara hagati y’abitwaje ibirwanisho n’abajejwe umutekano. Christine KAMIKAZI, Agnès NDIRUBUSA, Thérence MPOZENZI na Egide HARERIMANA, bakaba bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu.

VI. Amajambo arimwo inzankano zihishije amacakubiri y’amoko, niyo aherutse gushikirizwa kuri Stade ya Muremera, y’intara ya Ngozi, mw’ikoraniro ryateguwe n’umugambwe CNDD-FDD. Agathon Rwasa, umu kandida w’umugambwe CNL, niwe yifatiwe mu gahanga n’umugabo batazira Somali, yahawe ijambo kugira amwagirize kuba yari mu bateguye guhirika ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza, akoranye na bamwe mu batutsi be n’abanyamahanga. Pacifique Nininahazwe ari mubadomweko urutoke muri iryo koraniro, yagiriza umugambwe uri ku butegetsi ko uriko ubiba amacakubiri ku mvo z’amatora.

VII. Umugambwe UPRONA utemewe na leta y’Uburundi ubona ko amatora y’umukuru w’igihugu yimirije, ata kintu na kimwe cizewe kizoyavamwo, ari naco gituma bahisemwo kutayitaba.  Mw’itangazo uwo mugambwe wasohoye, Charles Nditije awurongoye, asaba abadasigana kudasamazwa n’amashami y’umugambwe aguma avuka, ngo bahave bagwa mu mutego.

Ibindi bisa n'ibi