I. Abana babiri baraturijwe ubumwanya na nyina wabo, avuye mu bunywero ku mugoroba w’uyu wa gatatu ku mutumba na komine Gashoho, intara ya Muyinga. Ico bazize ngo nuko banse kwugururira uwo nyina wabo atashe, akaba ari mu minwe y’igipolisi.
II. Umuntu umwe yanyurujwe aburwa irengero, amazu atatu arabomorwa n’imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD ku mutumba Mukonko, zone Matara, muri komine Nyabiraba, y’intara ya Bujumbura. Ivyo bikaba vyabaye mw’ijoro ryakeye, mu mishamirano yabaye hagati y’abanywanyi b’umugambwe CNL n’imbonerakure. Abo mu mugambwe CNL, bavuga ko batewe ku mihana iwabo. Abajejwe intwaro nabo, aho kubatunganiriza barahengamira ku mugambwe uri ku butegetsi.
III. Amabi akorerwa abanywanyi b’umugambwe CNL akorwa abategetsi barorera, kandi abakoze ayo mabi ntibahanwe. Ivyo vyavuzwe na Thérence MANIRAMBONA, umuvugizi w’uyo mugambwe, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kubijanye n’ihohoterwa, rifatiye ku kutihanganiranira, rikorerwa abanywanyi b’umugambwe CNL, mu gihe buca haba amatora yo 2020.
IV. Igihugu kitubahirije ugufashanya hagati y’ishirahamwe mpuzamakungu OMS mu gihe haba hateye ikiza, kirashobora guharirwa ivomo n’iryo shirahamwe canke n’amakungu. Ivyo bimenyeshwa na Côme Konakuze, umuhinga yanonosoye ivyigwa bijanye no guteza imbere ubuvuzi, akaba yiga agakora n’ubushakashatsi ku ndwara zandukira. Ivyo akaba abivuze inyuma yaho reta y’Uburundi, bimenyekaniye ko itariko irumvikana n’ishirahamwe OMS, mu bijanye no kurwanya ikiza Covid 19. Côme Konakuze akaba akorera mu bihugu bitandukanye, mu mashirahamwe mpuzamakungu yitaho igisata c’amagara y’abantu.
V. Imitumba 3 muri 9 igize zone ya Gatumba, niyo yaronse imfashanyo y’ibiro 3 vy’umuceri ku rugo ku rugo, inyuma y’imyuzurira y’uruzi Rusizi rwasheshe, rutuma abanyagihugu bo muri iyo zone ya Komine Mutimbuzi bata izabo. Umwe mu banyagihugu bari aho mu Gatumba, avuga ko bari bemerewe ibiro 4 ariko hatangwa 3, ivyo navyo ngo ntibikwiye umuntu aravye uko ingo zasinzikaye. Avuga ko Gatumba yose ikwiye gufashwa.
VI. Amazu arenga 30 yarabomowe n’imvura muri zone Kivyuka, komine Musigati, n’intara ya Bubanza. Iyo mvura yaguye kuri uyu wa gatatu, ikaba yatumye imiryango irenga 70 ituratura. Abo bononewe ibintu, bagasaba gufashwa.
VII. Ishirahamwe ADRA ryaraye ritanze imfashanyo ku mpunzi z’abarundi 230 ziri mw’ikambi ya Mulongwe, muri Repuburika iharanira demokarasi ya Congo. Kuri uyu wa gatatu, abaje bava mu makambi y’imfatakibanza ya Sange, Monge Monge na Kavinvira, muri Munyonyo na Kigarama guheze, bararonkejwe amasuka. Umwe muri abo baronse, avuga ko iyo mfashanyo igiye kubatuma bakora neza ibikorwa vyo mu mirima.
VIII. Mu kigabane ca Kabiri c’ibiri muvyokorwa bishikirizwa n’umuhari MAP-Burundi Buhire, ngo igihugu gitwarwe mu ntwaro ya Demokarasi, ngo n’uko hobanza gushirwaho iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu, ubwigenge bwokumenyesha amakuru be n’itunganywa rishasha ry’amatora y’abashingamateka. Bishikirizwa na Emery Pacifique Igiraneza, arongoye MAP-Burundi Buhire.