Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 24/04/2020

Publié le 24 avril 2020 par Rédaction

I. Urubanza rw’uwahoze ari umukozi w’ishirahamwe rirwanya ukuborezwa igufa ACAT Burundi, Germain RUKUKI, rwaburanishijwe na sentare ntahinyuzwa, igisata ca gasamburamanza kuri uyu wa gatanu. Urubanza rwaciye rushirwa mu mwiherero, ibitanga umwizero mw’ishirahamwe ACAT BURUNDI. Iryo shirahamwe rikaba ritahengeshanyije kwerekana ko ifungwa rya Germain RUKUKI rirangwamwo amahinyu.

II. Ishirahamwe FIDH riharanira agateka ka zina muntu kw’isi, na ryo risaba ko uwo aharanira agateka ka zina muntu yorekurwa, kuko apfunzwe mu buryo butabereye kiremwa muntu. HUGO GABBERO, ajejwe ibiro bijejwe gukingira abaharanira agateka kazina muntu mw’ishirahamwe FIDH, asigura ko Germain RUKUKI yabujijwe no kwivuza, kandi afise amagara atifashe neza, na cane cane muri kino gihe hateye ikiza ca corona.

III. Amashirahamwe atandatu adaharanira ivyicaro vya politike, ari yo ACAT, COSOME, Ligue ITEKA, FORSC, APRODH na SOS TORTURE, yasohoye icegeranyo ku bijanye n’ingene agateka ka zina muntu kifashe, muri kino kiringo Uburundi bwimirije amatora yo 2020. Justine Nkurunziza, arongoye ishirahamwe COSOME, avuga ko agateka ka zina muntu atakwo kifashe mu Burundi, cane cane ku batavuga rumwe n’umugambwe uri kubutegetsi, badasiba guhohoterwa na bamwe bo mu nzego z’umutekano, bafadikanije n’urwaruka rw’imbonerakure. Justine Nkurunziza yavuze kwizina ry’ayo mashirahamwe.

IV. Umurwi wo kumenya ukuri no kurekuriranira mu Burundi, CVR, ntabikoresho vyo kumenya umwirondoro n’umwaka w’ibisigarira vy’abantu batowe i Mutobo, mu ntara ya Karusi. Ivyo bishikirizwa n’umushingwamanza Lambert NIGARURA, arongoye urunani rw’abarundi rukurikiranira hafi ibikorwa vya sentare mpuzamakungu CB-CPI. Ku bwiwe, uwo murwi wa CVR ushaka guhuvya amatohoza ariko araba ku bwicanyi bwo muri 2015.Ni mu gihe uwo murwi CVR, waraye werekanye ibisigarira vy’abantu, harimwo n’impuzu bari bambaye, ko ari ivyo mu mwaka 1972.

V. Abandi bakozi babiri barirukanywe kuri uyu wa kabiri mw’ihinguriro Afritextile, ryahoze ari COTEBU, bakurikiye abandi indwi baheruka kwirukanwa. Bompi bazira ihagarikwa ry’akazi ryaheruka gukorwa n’abakozi bo muri iryo hinguriro. Abakozi babandanya basaba nyene ihinguriro, TARUK Bashir, kubagarukira, agahindura abarongoye iryo hinguriro ngo kuko nibo batuma akazi kabandanya kwononekara. Umwe mu bakozi ba Afritextile.

VI. Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi, burashimishwa n’umwimbu w’ikawa muri iyi sizeni y’umwaka wa 2020 ushira uwa 2021. Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, Déo guide Rurema, yamenyesheje ko abarimyi b’ikawa bagiye guhembwa kuva mu ndwi itangura, aho mbere avuga ko ashimishwa no kubona reta yarasubije ikirenge mu gisata c’ikawa. Umushikiranganji akaba yabishikirije kuri uyu wa gatanu, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.

VII. Abantu batatu nibo bapfungiwe mu gasho k’igipolisi co mu ntara ya Rumonge, kuva kuri uyu wa gatatu w’ino ndwi. Bagirizwa kuba barakuye abana babo mu mashure kubera ibihuha, vyari bimaze imisi aho mu ntara ya Rumonge, bivuga ko abana b’abanyeshure bagiye kubaha urucanco rwo gukinga kwandura umegera wa coronavirus.

VIII. Ubusuma bwo mu mazu burateye ubwoba abanyagihugu bo mu gisagara ca Muyinga, aho abasuma basigaye batobora amazu bagatwara ivyo mu nzu vyose. Abanyagihugu basaba urwego rw’igipolisi kurikanura, kugira ngo abo basuma bafatwe.

Ibindi bisa n'ibi