I. Umukuru w’igihugu yateye igikumu kw’itegeko ryugurura ibikorwa vyo kwiyamamariza amatora yo muri Rusama, uyu mwaka. Mu ngingo ya kabiri y’iryo tegeko, ukwiyamamaza kuzotangura ku wa 27 Ndamukiza, kurangire ku wa 17 Rusama, hasigaye imisi itatu ngo amatora abe.
II. Abanywanyi b’imigambwe bakwiye kureka kuryana bapfa ibendera, inkofero n’ibindi bimenyetso vy’imigambwe bayoboka. Ngo barakwiye gutahura ko iyo atariyo politike y’igihugu. Izo n’impanuro za Francis Rohero, uwigenga azokwitoza mu matora yimirije, mu kibanza c’umukuru w’igihugu. Arongera agasaba abarongoye imigambwe kuzimurura abanywanyi babo, bakabigisha gushira imbere politike yo kunagura ubutunzi bw’igihugu, n’ubumwe hagati y’abarundi.
III. Imyaka itanu iraheze abarundi biyamirije ihonyangwa ry’ibwirizwa nshingiro n’amasezerano y’i Arusha, ryakozwe n’umugambwe CNDD-FDD hamwe na Petero NKURUNZIZA. Urwaruka ruri mw’ihuriro mpuzamakungu ry’urwaruka rw’abarundi MIJB, ruratera akamo urundi rwaruka, kudasamazwa n’amatora yimirije, mu kubandanya basenyera ku mugozi umwe.
IV. Abantu 3 bashasha bamenyekanye kuri uyu wa gatanu, ko banduye umugera wa corona mu Burundi, nkuko vyamenyeshejwe mw’itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu gitondo c’uno wa gatandatu. Ubwo bushikiranganji bwamenyesheje ko abo bantu bamenyekanye mu bipimo vyakozwe, ku bantu 54 bamaranye umwanya munini n’abagwayi baherutse kumenyekana. Ariko amakuru yo kwizera Radio Inzamba ikura mu bitaro vya Clinique, ahavurigwa abo banduye umugera wa corona virus, nuko hari abandi bagwayi 3 batowe kuri uyu wa gatandatu, ariko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu ntibwigeze bubashira muri iryo tangazo. Abagwayi bose hamwe bamaze kwemezwa mu Burundi n’ubushikiranganji ni 15, harimwo bane bakize n’uyundi umwe yitavye Imana.
V. Kuri uyu wa 25 Ndamukiza, n’umunsi wahariwe kurwanya malariya kw’isi. Icivugo c’uyu mwaka wa 2020 ni: “Ndiyemeje, nta malariya izokwibonekeza!’’. Abicishije mu butumwa, uwuserukira ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu, ku mugabane wa Afurika, avuga ko ico civugo gisaba ibikorwa vyokwishikira ku kivi.
VI. Mu kigabane Kw’isoko c’uno musi, dushimikira ku myuzure imaze imisi, yibonekeza mu mihingo itandukanye y’igihugu c’Uburundi.
VII. Abayoboke ba Zebiya 146 bari bamaze imisi begeranirijwe mu ntara ya Rumonge, bakuweyo kuri uyu wa gatandatu. Amakuru ava aho nyene mu Rumonge, amenyeshako amakamyo y’igipolisi hamwe n’aya HCR ariyo yabakuyeho. Ayo makuru nyene akavugako baciye babajana mu miryango bavamwo, mu ntara zitandukanye.