I. Abantu batatu bo mu ntara ya Cankuzo, ntawuramenya irengero ryabo kuva kuri uyu wa kabiri ku mugoroba. Umwe n’umwigisha yigisha kw’ishure shingiro rya Butanyerera, muri komine ya Gisagara, Arcade Butoyi, uwundi n’uwuzwi kw’izina rya Alawi, uwundi nawe ntarashobora kumenyekana. Igipolisi kivuga ko kiriko gikora amatohoza kugira kimenye abantu iyo bari, ariko imiryango yabo ifise amakenga kubishobora gushikira abo bantu.
II. Ku munsi ugira kabiri wo kwiyamamaza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu matora yo ku wa 20 Rusama, umukandida w’umugambwe UPRONA, Gaston SINDIMWO, yabandanirije imyiyamamazo mu gisagara ca Bujumbura. Imwe mu migambi afitiye igisagara ca Bujumbura, ngo harimwo kwubaka amabarabara no gukingira abanyagisagara imyuzurira idasiba kubatera.
III. Francis Rohero, umwe mu bahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu, akaba ari no mu bigenga, asaba abarundi gutora bitonze, barabe ko uwo bazotora azobagirira akamaro. Ivyo yabishikirije kuri uyu wa kabiri, muri komine Mukaza, y’igisagara ca Bujumbura aho yariko ariyamamaza.
IV. Imyidogo ni yose kubarongoye umugambwe CNL y’intara ya Makamba. Bagiriza abarongoye umurwi w’igihugu ujejwe gukurikirana amatora ku rwego rw’ama komine, ko bafuse kuntonde abo bagenye, ngo baze babaserukire mu matora y’abajenama mu ma komine. Basaba ko umurwi w’igihugu ujejwe amatora mu ntara ya Makamba wobatunganiriza.
V. Umurwi wo kumenya ukuri no kurekuriranira mu Burundi CVR, washizweho n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD, mu ntumbero yo guhuvya amakungu, ngo ntamenye ukuri ku bwicanyi bwabaye mu mwaka wa 1972. Ivyo bishikirizwa n’umunyamabanga w’ishirahamwe rirwanya ihonyabwoko rya genocide, AC Génocide CANADA, Emmanuel NKURUNZIZA. Ni mu gihe kw’itariki rya 29 Ndamukiza ariho abarundi bibuka ubwicanyi bwabaye mu 1972.