I. Kuri uno wa mbere, niho hatangura indwi ya kabiri imigambwe itari mike, inani ya politike n’abigenga, bariko bariyamamariza amatora azotangura kuwa 20 za kuno kwezi. Mu migambi yiwe nyamukuru, Domisiyano Ndayizeye azokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu ku giti c’urunani KIRA BURUNDI, ngo ashaka kunagura ibisata bijanye cane cane n’ubutunzi, politike hamwe n’imibano. Ivyo bisata uno musi ngo bigeze aho umwansi ashaka.
II. Mu gisagara ca Bujumbura, niho umugambwe CNL wagiriye isekeza ryo kwiyamariza umu kandidat wawo mu matora yimirije, isekeza ryabereye muri zone ya Kanyosha, ya komine Muha. Agathon Rwasa yari yitabwe n’abantu batari bake, baje bava muma karitiye y’igisagara, be no mu ntara ya Bujumbura ihanamiye uyo mugwa mukuru w’ubutunzi. Agathon Rwasa yaneguye ukugene ubutegetsi bw’uno musi bwitwararika uyo mugwa mukuru w’ubutunzi bw’Uburundi.
III. Abanywanyi b’umugambwe CNL ku mutumba Gicumbi wa komine Buraza, mu ntara ya Gitega, barabuze amakarata yabo yo gutora. Bahavuye barondeza basanga yatwawe na bamwe mu mbonerakure za CNDD-FDD, bivugwa ko bazishiriye benezo ariko ntibaheza ngo bazibashikirize. Abajejwe gutegura amatora ku rwego rwa komine bavuga ko ari akaciyemwo kandi kakosowe.
IV. Ntawuzi irengero ry’uwutwara umugambwe CNL ku mutumba wa Mbogora, komine Nyabihanga, iri mu ntara ya Mwaro. Nkuko amakuru ava i Nyabihanga avyemeza, iyo ndongozi ya CNL yakuwe muhira igihe c’isaha umunani z’ijoro ryakeye, abanje kusinzikarizwa ubuzima. Uwurongoye iperereza mu ntara ya Mwaro yemeza ko atazi iyo uwo muntu afungiwe, ariko ko igihe c’isaha zine uyu wa mbere ariho yamenye ko yafashwe.
V. Kubona imodoka za leta zikoreshwa mu kwiyamaza ntaho bitaniye no gusahura amatungo ya leta. Ivyo n’ibishikirizwa n’ishirahamwe OLUCOME, aho rinegura ko umugambwe CNDD-FDD ahanini ukoresha imodoka za leta. N’umugambwe CNL ukaba udomwako urutoke ko abategetsi baturuka mw’uwo mugambwe, na bo nyene bakoresha imodoka za leta. Ishirahamwe OLUCOME rikibutsa ko n’amategeko ashirwaho n’umurwi CENI utunganya amatora abibuza. Gabriel RUFYIRI arongoye OLUCOME.
VI. Abakozi bakorera ku bitaro vy’i Muyinga baridogera umuyobozi w’ivyo bitaro, muganga Abadi Munyentwari, ko abakata amafaranga ku burusho baronka bufatiye kubikorwa baba baranguye, bijanye no kuvura abarwayi. Ayo mahera ngo akaba ari intererano y’umugambwe CNDD-FDD, nkuko amakuru radiyo Inzamba yakuye aho mu ibitaro vy’i Muyinga abimenyesha. Ayo mahera abo bakozi bakatwa batagishijwe inama, ngo ari hagati y’ibihumbi 5 gushika 10 ku bakozi bato bato, hamwe ni ibihumbi 10 gushika kuri mirongo ibiri ku baforoma, nkuko ayo makuru abandanya avyemeza. Abo bakozi bagasaba uyo muyobozi w’ibitaro, kudasubira kubatangisha intererano y’umugambwe ku nguvu, ngo kandi muri bo hari abatari abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD. Twarondeye uwo muyobozi w’ibitaro kugira atubwire nimba ivyo yagirizwa ari ukuri turamukena.
VII. Abarundi bashika 640, bagizwe n’abagabo 462, abagore 99 n’abana 79 bashizwe hamwe kugira bakurikiranwe n’abaganga muri komine Giteranyi, intara ya Muyinga, babayeho mu buzima bubi cane. Baryama ku birago, abandi nabo bakaba batagira n’ivyo bifuka.
VIII. Ubwigenge bwo kumenyesha amakuru mu Burundi ngo leta irabukurikiza nkuko bikwiye. Ivyo n’ibishikirizwa na Frédéric Nahimana, umushikiranganji wo kumenyesha amakuru, mu musi mukuru wo guhimbaza ubwigenge bwo kumenyesha amukuru, wabaye kuri uyu wa mbere, mu Burundi. Ariko Innocent Muhozi arongoye ishirahamwe ryo guhanurana mu bimenyeshamakuru, avuga ko iyo mvugo ari iy’ikinyoma, uravye uko ibinyamakuru vyigenga vyasambuwe n’ubutegetsi.
IX. Abasirikare n’imbonerakure bari barungitswe mu gihugu ca repuburika iharanira demokarasi ya Congo, haraheze indwi hafi zitatu, bariko baragaruka ku butaka bw’Uburundi. Uwari abarongoye, Lieutenant-colonel Ildephonse Baranyikwa, ariwe asanzwe atwara n’ikambi ya 112, yaramaze gushika ku butaka bw’Uburundi kuri uyu wa gatandatu uheze. Amakuru ava mu gisirikare n’uko abasirikare n’izo mbonerakure, bariko baritunganya kugira bajabuke umupaka bari mutugwi, bakaba bazoshikira mu makambi yegereye umupaka wa Congo n’Uburundi. Ivyo bikaba bibaye inyuma y’aho leta ya Congo igabishirije abarundi bari ku butaka bwabo ko bategerezwa kuba bahavuye mu kiringo c’amasaha 48. Mukibuka ko bamwe muri abo basirikare n’imbonerakure, mu kuja muri Congo baciye ku mupaka uri mu ntara ya Cibitoke, ikindi gice naco kikaba cari cajabukiye mu kiyaga Tanganyika mu ntara ya Rumonge.