I. Abaserukira imigambwe iriko ihiganwa na CNDD-FDD mu ntara ya Muyinga mu kwiyamamariza amatora yo kuwa 20 rusama uno mwaka, baragiriza uwo mugambwe ko abanywanyi bawo bariko baburagiza abo batavuga rumwe, bababoreza igufa be no kubatwara amafaranga canke ikarata y’itora, nkuko amakuru radio Inzamba yakuye aho i Muyinga avyemeza. Akarorero ka hafi, ni ivyashikiye ejo hahise Jean Paul Habiyambere, arongoye umugambwe CNL muri komine Buhinyuza, aho yariko yamamaza umugambwe CNL, yafashwe n’uwurongoye zone Jarama ya komine Buhinyuza ari kumwe n’imbonerakure 3, akugaranirwa mu nzu agakubitwa agashaya, nkuko ayo makuru abandanya avyemeza. Habiyambere ngo akaba yambuwe ivyo yarafise vyose, harimwo amafaranga angana 2.060.000, ibiranga umugambwe CNL harimwo, impuzu, amakarata, idarapo. Abo barongoye umugambwe CNDD-FDD I Muyinga ntitwashoboye kubaronka kugira bagire ico bavuze kuvyo bagirizwa.
II. Ipfungwa rya Cathy Kezimana, umu kandida w’umugambwe CNL yitoza ku rwego rw’abashingamateka mu matora yimirije, riraraje ishinga abaharanira agateka k’abakenyezi. Juliette Nijimbere, umwe mu bakenyezi baharanira agateka ka muntu, ariyamiriza iryo pfungwa bagasaba ko yorekurwa vuba na bwango. Juliette Nijimbere. Uwo mupfasoni Cathy Kezimana akaba yafashwe kuri uyu wa kabiri, mu gihe yari avuye mw’isekeza ryo kwiyamamariza umugambwe wiwe mw’ i Jenda, muri komine ya Mukike, y’intara ya Bujumbura.
III. Muri iyi misi igera kw’icumi hatanguye imyiyamamazo y’imigambwe, haramaze kwononekara ibitari bike, aho abanywanyi b’imigambwe CNDD-FDD na CNL badasiba gutana mu mitwe. Abantu babiri baramaze kwitaba Imana, abandi barakomereka. Amakuru atangwa na bamwe mu ndongozi z’umugambwe CNL, avuga ko baterwa n’imigwi y’imbonerakure, nabo bagaheza bakivuna. Igipolisi co cagiriza abanywanyi b’umugambwe CNL ko aribo ntandaro y’ukwo gushamirana.
IV. Ubushikiranganji bw’umutekano buragiriza indongozi z’umugambwe CNL n’abanywanyi bawo ko bafise imvugo zihamagarira abantu mu mishamirano, imigumuko iganisha mu ngwano n’abo batavuga rumwe, bo mu mugambwe CNDD-FDD. Vyaraye bishikirijwe n’umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye, mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri i Gitega, aho ubushikiranganji avugira bwariko bushikiriza icegeranyo c’ingene imyiyamamazo yagenze mu ndwi iheze. Imvugo umushingamateka Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL avugako igizwe n’ivyagiriji yita ko ari ibinyoma n’amarementanya.
V. Pierre–Claver Kazihise arongoye CENI, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, aremeza ko imyiyamamazo hariho bamwe muba kandida batariko baravyitwaramwo neza. Abasaba ko, aho bari hose bokeresha invugo idatyoza abo bahiganwa, bakubaha ibimenyetso biranga abo bahiganwa kandi bakubahiriza amasaha yashinzwe na CENI.
VI. Umurwi wa ONU ugira amatohoza ku Burundi avuga ko ibihe vy’amatora Uburundi burimwo arivyo gukurikiranira hafi. Doudou Diène yavuze ko ivyegeranyo basohora ari ishusho y’uko agateka ka muntu kifashe mu Burundi. Mu nama iherutse kubera i Geneve kucicaro ca ONU kiraba ivy’agateka ka muntu nyene, Doudou Diène yasavye akarere guterera kugira mu Burundi haboneke ituze.
VII. Kuri uno wa gatatu, niho sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa yumviriza urubanza rw’abamenyeshamakuru bane bakorera ikinyamakuru Iwacu. Bahejeje kwumvirizwa, sentare yahavuye ifata ingingo yo gushira urwo rubanza mu mwiherero mu kiringo c’iminsi mirongo itatu. Abo bamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu bakwije kuri uno munsi iminsi 198 bapfunzwe. Baciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka ibiri n’igice, hamwe n’ihadabu ringana n’umuriyoni umwe umwe, na sentare nkuru y’igihugu ya Bubanza. Abacamanza bari bashashe muri urwo rubanza akaba yari Parfait Muvunyi yararongoye intahe, Ihuwitonze Eric hamwe na Kaneza Clarisse, asanzwe ariwe arongoye sentare nkuru y’intara ya Bubanza. Icariho c’umushikirizamanza Ntamikevyo Jean Marie Vianney, akaba yari yabasabiye gufungwa imyaka 15. Tubibutse ko abo bamenyeshamakuru bari bafashwe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka uheze i Bubanza. Bakaba bari bagiye gutohoza inkuru muri komine ya Musigati, ahariko habera ibitero hagati y’abitwaje ibirwanisho n’abajejwe umutekano. Christine KAMIKAZI, Agnès NDIRUBUSA, Thérence MPOZENZI na Egide HARERIMANA bakaba bagirijwe gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu.
VIII. Umunyororo w’imyaka itanu, ihadabu ringana n’ibihumbi ijana vy’amafaranga y’amarundi, no kwakwa imodoka ikaja mu minwe ya leta, nico gihano parike ya Ngozi yasabiye kuri uno wa gatatu Pasteur Mpawenimana, umunywanyi w’umugambwe CNL yagirizwa ko yanyuruje Imbonerakure zitanu kw’igenekerezo rya 27 z’ukwezi kwa kane, igihe uyo mugambwe wari uramutse wugurura ibikorwa vyo kwiyamamaza kukibuga co ku Muremera, mu gisagara ca Ngozi.
IX. Amezi 4 ararenze urubanza rwa Clement Nkurunziza yagirizwa ubwicanyi bwabereye muri Kaminuza y’Uburundi ruciwe, ariko akaba atigeze abimenyeshwa. Umushingwamanza Lambert Nigarura akurikiranira hafi dosiye yiwe, amenyesha ko ibiriko birakorwa ari ukurenga amategeko yo kuburanisha abagirizwa ivyaha yaba ayo mu Burundi, co kimwe na mpuzamakungu. Clement Nkurunziza akaba yakatiwe gupfungwa umunyororo w’ubuzima bwiwe bwose. Lambert Nigarura ari mu baharanira agateka ka muntu mu Burundi.