Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 12/05/2020

Publié le 12 mai 2020 par Rédaction

I. Uwujeje CECI i Songa muri Bururi, arafunzwe mw’ibohero rikuru rya Bururi, kuva kuri uno wa mbere. Yagirizwa n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD aho muri iyo ntara, ko yariye ibiturire mu gutanga ibibanza vy’abazohagararira amatora. Uwo mugabo nta kindi azira, atari uko yanse gufuta aba CNL ngo abasubirize n’imbonerakure, nk’uko amakuru ava aho i Songa abimenyesha.

II. Abanywanyi 3 b’umugambwe CNL wa Agathon Rwasa, bo muri zone Rutongo ya komine Muhuta, mu ntara ya Rumonge, bapfungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi muri iyo komine, kuva kuri uyu wa mbere. Bafashwe n’imbonerakure mw’ijoro ryo ku musi w’Imana ushira uwa mbere, umwe wese muhira iwabo. Bose bari ku rutonde rw’abazoserukira umugambwe CNL mu gikorwa co gucungera amatora. Ababanyi babo bavuga ko ata kindi bazira atari ivyiyumviro vyabo vya politike, bagasaba n’uko borekurwa.

III. Abanywanyi 10 b’umugambwe CNL nibo baraye bafashwe bajanwa gufungirwa mu gasho k’igipolisi c’inyamiramabi ku mugwa mukuru w’intara ya Muyinga. Bakaba bategerewe n’imbonerakure bavuye mu bikorwa vyo kwiyayamaza vy’umugambwe CNL. Muri abo, hakaba hari n’uwufunzwe yagirizwa kuba yigishijije uwo mugambwe mw’ishure.

IV. Mu ntara ya Rutana, komine Rutana, zone Gitaba, amashure yahindutse ibibuga vy’umugambwe. Ku munsi wa mbere, uwujejwe indero muri iyo komine yifadikanije n’abayobozi b’amashure n’umukuru w’imbonerakure muri iyo komine ya Rutana, bakoranye abanyeshure babasigurira ibijanye n’amatora. Ni mu gihe bisanzwe bizwi ko kizira kwiyamamariza ku mashure, nk’uko uwurongoye CENI Pierre Claver Kazihise aherutse kubishikiriza mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru.

V. Inama nkuru y’abepisikopi mu Burundi ihamagarira abari mu myiyamamazo y’amatora y’umukuru w’igihugu, kwihanganiranira no guhagarika gutana mu mitwe.   Mw’itangazo iyo nama nkuru y’abepisikopi yasohoye kuri uyu wa mbere, isaba aberwa bose n’amatora gukora ibishoboka vyose kugira azobe mu mahoro, mu kwishira n’ukwizana, mu muco no mu mutekano ntangere.

VI. Leta y’Uburundi iherutse kwandikira umunyamabanga mukuru wa EAC imumenyesha ko abarorerezi b’ akarere ka EAC bategekanijwe kuza, bazoshikira gusuzumwa mu kiringo c’imisi 14 kandi bahawe ubutumire hasigaye imisi 12 gusa. Umushakashatsi mu bijanye na politike, Thierry Vircoulon, arongoye ikigo c’abafaransa kiraba ibijanye n’imigenderanire muri Africa yo hagati, abona ko leta idakeneye abaza guhagarikira amatora. Uyo mushakashatsi avuga kandi ko bizogora inzego nshasha kuzohindura politike yo kwikumira mu gihe Uburundi buzoba bwatunganije amatora atagira abarorerezi mvamakungu. 

VII. Uwo mushakashatsi Thierry Vircoulon, asigurako kandi ko amatora uko yatunganijwe, ari ishusho y’ukwo intwaro yifashe kuva mu mwaka wa 2015  aho ubutegetsi bw’Uburundi bwamye ari nyamwigendako mu kwiyugarana.

VIII. Abantu 8 bashasha banduye umugera wa corona nibo batowe mu Burundi kuri uyu wa kabiri, nkuko vyamenyeshejwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu. Amakuru yo kwizera radio inzamba ikura ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore  avuga ko igipolisi c’Uburundi cataye muri yompi umugabo yatorotse ibitaro, mu kibanza kiri muri ivyo bitaro cakira abafashwe n’ikiza ca  coronavirus, ku mugoroba wo kuri uyu wa mbere. Uwo mugabo akaba yari yanyegejwe n’umukenyezi wiwe munsi y’igitanda, akaba yaciye asubizwa mu bitaro.

IX. Uno munsi inama y’abakuru b’ibihugu b’akarere ka Afurika y’ubuseruko yabaye, hakoreshejwe ubuhinga bwa video conference, bakaba bariko bararabira hamwe kuvyokorwa ngo bahangane n’ikiza ca COVID-19. Bakaba basanze ico kiza kiriko kirasubiza inyuma ubutunzi, aho nk’ibisata bikomakomeye nk’uburimyi, ingenzi, ubudandaji be n’amahinguriro ubu atako vyifashe. Banamenyesheje ko uguhanahana amakuru ku bijanye n’ico kiza ari ngombwa muri kano karere. Ikindi n’uko abashikiranganji b’amagara y’abantu, abo gutwara ibintu n’abantu be n’abajejwe ivy’umuryango wa Afurika y’ubuseruko, bagenywe nk’abazoza barakurikiranira hafi ikibazo ca corona virus, gutyo bakazoza baratanga ivyegeranyo kubabarongoye. Mukamenya ko muri iyo nama, abakuru b’ibihugu vy’Uburundi na Tanzania batayitavye.

X. Abantu bane barakomeretse, amazu arenga ijana na mirongo itatu arabomoka, biturutse ku mvura nyinshi ivanze n’igihuhusi yaguye muri iyi minsi ibiri iheze, mw’ikambi y’impunzi z’abarundi y’i Mulongwe. Ababa muri iyo kambi basaba ko abagiraneza bobagarukirako.

Ibindi bisa n'ibi