I. Haraheze imyaka 5 habaye ugushaka guhirika ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza, hari kuwa 13 Rusama 2015. Hari inyuma y’indwi 2 zari ziheze abanyagihugu isinzi bihereje amabarabara biyamiriza ugushaka kwitoza ku kiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza. Hakurikiye ubwicanyi bukomeye bwakozwe n’inzego za leta zijejwe umutekano, zifadikanije n’imirwi y’imbonerakure. Abantu baharurwa mu majana nibo bagandaguwe, abaharurwa mu bihumbi amajana na bo barata barahunga igihugu, mu gihe hari n’abavundiye mu mabohero atandukanye.
II. Ivyabaye kw’igenekerezo rya 13 Rusama mu gushaka guhirika ubutegetsi, ngo vyari bifise intumbero yo gukingira amasezerano ya Arusha, nkuko vyari mubari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurinziza yahavuye yihagira. Ivyo bishikirizwa na Vital Nshimirimana, yari arongoye isekeza bise Halte au Troisième mandat. Ku bwiwe ngo abasirikare n’abapolisi bari muri iyo nteguro y’ugushaka guhindura ibintu, babicishije mu gikenye, mu gihe hari hatanguye kugaragara ubwicanyi n’uguhonyanga bikomeye agateka ka muntu, vyariko bikorwa n’inzego zijejwe gukingira abanyagihugu. Vital Nshimirimana
III. Kigingi Samson, umunywanyi w’umugambwe CNL, afungiwe mu gasho k’igipolisi mu Gatumba kuva kuri uno wakabiri. Yahagaritswe na bamwe mu rwaruka rw’imbonerakure bamukuye mu rugo iwe isaha zitandatu z’ijoro ryo ku wa mbere rishira ku wa kabiri muri zone Rukaramu, zone Mutimbuzi, intara ya Bujumbura. Abandi banywanyi bane baronderwa barahunze, bose ngo ntibaramenya ico bazira, uwuri hejuru y’iryo toteza ni uwurongoye zone Rukaramu, Léonidas Nibigira, nkuko uno munyagihugu abivuga.
IV. Igiporisi c’Uburundi kivuga ko umugambwe CNL wigenjeje nabi incuro zigera kw’i 19, umugambwe CNDD-FDD incuro 2 mu myiyamamazo yabaye mu ndwi iheze. Biri mu cegeranyo igiporisi gisohora buri ndwi, kubijanye n’ibikorwa vyo kwiyamamaza. Ico gipolisi kigasaba abiyamamaza kwubahana, kugira ngo ico gikorwa kigende neza.
V. Igiporisi c’Uburundi gikwiye kwikubita agashi kikareka kuguma gihengama mu kuvuga y’uko amakosa menshi akorwa n’abanywanyi b’umugambwe CNL, na rirya ibimenyeshamakuru bidasiba kuvuga amabi akorwa n’imbonerakure. Ivyo bishikirizwa n’umushingwamanza akaba n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe FOCODE, Janvier BIGIRIMANA. Ni mu gihe umuvugizi w’igiporisi Petero NKURIKIYE, asohoye urwandiko yerekana y’uko abanywanyi b’umugambwe CNL aribo batera uruhagarara muri kino gihe.
VI. Nta murezi yotegerejwe guhatira canke gukwegera umunyeshure mu myiyamamazo no mu bindi bikorwa vya politike ari kw’ishure. Niko Eulalie Nibizi abibona. N’umurezi akaba yahoze arongoye sendika y’abigisha STEB. Arerekana ko hari abayobozi b’amashure batunganya amanama ya politike mu mashure, bakigisha abanyeshure n’ibitabereye. Kubwiwe iyo n’inyifato itabereye na gato, kuko ihonyanga amategeko y’ishure.
VII. Eulalie Nibizi Aranatera akamo abayobozi b’amashure ko kwubahiriza ikibanza c’ishure, kugira batange ubumenyi bongere bategure kazoza keza k’abo bashinzwe kurera.