Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 14/05/2020

Publié le 14 mai 2020 par Rédaction

I. Ikiziga ca Jackson Simbananiye, batazira Kirahwata, umugwizatunga muvyo kuvunja amafranga, catowe mu gatondo k’uyu wa kane muri zone Nyakabiga, iri mu gisagara ca Bujumbura. Jackson Simbananiye yanyurujwe ku muhingamo w’uno wa gatatu, n’umukozi w’ibiro bikuru vy’iperereza hagati mu gisagara, nkuko amakuru Radio Inzamba ifise abimenyesha.

II. Pacifique NININAHAZWE arongoye ishirahamwe FOCODE n’isekeza Ndondeza, ariyamiriza inyifato y’ inzego z’umutekano, ziguma mu gacerere zitigeze ziza gutabara umugwizatunga Jackson SIMBANANIYE, batazira Kirahwata. Ni mu gihe abatari bake bari bamutabarije bakoresheje ubuhinga bwo gutumanako amakuru.

III. Haraye uruhagarara ku mutumba Gakungwe, muri komine Kabezi y’intara ya Bujumbura, ruturutse ku mishamirano hagati y’imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD n’abanywanyi b’umugambwe CNL. Imbonerakure mu bikorwa vyo gukizura zanyuruje abanywanyi ba CNL hafi cumi; induru zimaze kuvuga, abanyagihugu barashwabaduka baza gutabara. Abari bafashwe bararekurwa izo mbonerakure zica zijanwa n’abasirikare mw’ikambi bita camp Chinois.

IV. Umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ritohoza kw’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi, uratewe umutima uhagaze n’imishamirano, n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu vyibonekeza muri kino kiringo c’imyiyamamazo y’amatora yo mu mwaka wa 2020. Uyo murwi ukadomako urutoke umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD n’umugambwe CNL, ko ari yo iza kw’isonga muri iryo honyangwa ry’agateka kazina muntu, gaturuka ku kutihanganirana.

V. Ishirahamwe mpuzamakungu ryishinze gukinga no gutatura amatati ICG, riratewe impungenge ko amatora atunganijwe mu Burundi atazoba mu bwigenge, kandi ashobora kurangwamwo ubusuma, mu gihe ata barorerezi mvamakungu bazoyitabira. Icegera c’uwurongoye iryo shirahamwe mu karere ka Africa yo hagati, Nelleke van de Walle, avuga ko bimaze kuboneka ko hari impande zibiri zose aba kandida bamaze kwizera intsinzi. Ngo mu gihe hazoba guhakana ivyavuye mu matora, ICG ibona ko hazoba ubwicanyi nk’ubwakozwe muri 2015.

VI. Abakozi bo kw’ishure Ecole indépendante de Bujumbura bari mu bwoba bwinshi kubera umwe mu bigisha yugaraniwe i muhira iwe n’abana, kubera arwaye ikiza ca coronavirus. Ku musi wa kabiri akaba ariho bapima umuryango basanga baranduye, umukenyezi w’uyo mwarimu we yaramaze kujanwa mu bitaro aho ariko aravurwa. Ishure muri iki gihe rikaba ritabona ico ryokora, mugihe ridashobora kwugara ishure kugutinya Leta.

VII. Iyirukanwa ry’ubuserukizi bwa OMS mu Burundi, risigurwa n’uko iryo shirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu risaba gushira mu ngiro intumbero yo kwirinda ikiza ca Covid-19 ku rwego mpuzamakungu. N’intumbero itandukanye n’iyo leta y’Uburundi yihaye nkuko bisigurwa n’umushakashatsi Côme KONAKUZE, akora mu gisata co kurwanya indwara zandukira. Avuga ko ukudahuza na leta y’Uburundi mu kurwanya ico kiza, ariyo yabaye intandaro yo kwirukanwa ku gataka k’Uburundi. 

VIII. Uyo muhinga avuga kandi ko ingaruka z’iyo ngingo, ari uko umugera wa Corona ushobora kurandagata mu Burundi, atabariko baramira.

IX. Imyaka 5 iraheze ibimenyeshamakuru 5 vyigenga bisambuwe n’abajejwe umutekano. Ivyo binyamakuru bikaba vyari radio Bonesha fm, Isanganiro, RPA, Rema fm na Radiotélévision Renaissance. Gushika uno munsi, leta y’Uburundi ngo iguma yigira sindabibazwa, ku nsiguro ibazwa na sentare y’Afrika ijejwe agateka ka zina muntu n’ak’abanyabihugu. Ivyo bimenyeshwa na Bob Rugurika arongoye radio RPA, ku birego RPA yatanze mur’iyo sentare, yitwariye leta y’Uburundi. Kubwa Bob Rugurika, ngo naho leta yoguma yica amatwi, bitebe bitebuke, izokwishura ivyo ibazwa.

Ibindi bisa n'ibi