I. Abahinga bane b’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS, ku muhingamo wo kuri uyu wa gatandatu, niho bashoboye kuva mu Burundi. Aho ni inyuma yaho bari baherutse kwirukanwa na reta y’Uburundi. Abo bakozi b’ishirahamwe OMS bakaba bavuye mu Burundi babifashijwemwo n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Monusco.
II. Umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD, ntuzi gutandukanya amabanga y’igihugu n’ay’umugambwe. Uwo n’umwihwezo wa Frédéric Bamvuginyumvira yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu. N’inyuma yaho ubushikiranganji bujejwe imibano n’amahanga, yatumiye abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, kwitaba ibirori vy’umugambwe CNDD-FDD vyo gusozera imyiyamamazo bari bagizemwo iminsi. Kubwiwe ngo ubwo bushikiranganji bwari bukwiye gukorera nyabuna leta, aho gukorera umugambwe bakomokamwo.
III. Abanywanyi 2 b’umugambwe CNL bo mu ntara ya Rutana barapfunzwe kuva kuva kuri uyu wa kane. Raphael Ndaruzaniye na Tharcisse Hakizimana bafashwe n’umu polisi kw’itegeko ry’umushikirizamanza muntara ya Rutana. Abo banywanyi ba CNL bapfungiwe mu gasho ka komine Mpinga-Kayove, boba bazira kuba bakoresheje ibimenyetso vy’umugambwe wabo bidasa n’ivyatanzwe na CENI. Gordien Cishahayo arongoye umugambwe CNL muri iyo ntara, agasaba irekurwa ry’abo banywanyi babo, kuko ivyo bimenyetso bagirizwa vyatanzwe n’umugambwe wabo. Uyo arongoye CNL muri iyo ntara akavuga ko hari n’uwundi munywanyi azwi kwizina rya Jean Batispte ndikubwayo apfunzwe kuva kuwa gatatu, yagirizwa gukwiragiza ibihuha.
IV. Umuyobozi wa Lycée communal Nyanzalac yagirizwa kuba yaratse abanyeshure amakarata yo gutorerako, kumvo n’ubu atarabasigurira gushika uno musi. Abo banyeshure birabateye amakenga cane ko ayo makarata yoba yatwawe kumvo zo kwiba amajwi, hakoreshejwe izo karata. Bakaba babivuga ukwo, bishimikije ko uyo muyobozi ariwe yahaye uruhusha abo banyeshure bakaja gutora ayo makarata, iyo bari biyandikishije hose, bazizanye agaca azibaka. Ayo makuru aremezwa n’abavyeyi b’abana nabo bakaba bibaza ko ayo makarata yayatwaye kugira hongerekane igitigiri c’abazoja gutora kugiti c’umugambwe CNDD-FDD asanzwe arimwo. Ntitwashoboye kuronka uyo muyobozi kugira twumve ico avuga kuvyo yagirizwa.
V. Umugambwe CNL uvuga ko utarota uhagarika urugamba rwa politike watanguye, naho bafise intambamyi nyinshi. Ivyo biri mw’itangazo ryasohowe n’uyo mugambwe.
VI. Amatohoza yakozwe n’ishirahamwe rikristu ACAT-BURUNDI ari mu cegeranyo co mu kwezi kwa kane, yashimikiye ku mabohero ane ari i Gitega, Muramvya, Bujumbura na Rumonge, aho imanza zaciwe n’ama sentare zidashirwa mu ngiro nk’uko amategeko abivuga, ivyo bishikirizwa n’umushingwamanza Jean Claude NTIBURUMUNSI ajejwe igisata c’amategeko muri iryo shirahamwe.
VII. Mu kigabane Kw’isoko c’uno musi, dushimikira ku mpungenge zigaragazwa n’abatari bake mw’itunganywa ry’amatora buca aba.