I. Abandi bantu 15 baranduye corona virus mu Burundi. Ivyo biri mw’itangazo ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwasohoye ejo ku w’Imana. Iryo tangazo nyene rivuga ko 9 mu bahora barwaye iyi ndwara, bahawe uruhusha rwo gutaha kubera bakize. Muri abo icenda bavurwa n’ubushikiranganji ko bakize, 8 basohotse ibitaro hari amakuru radio Inzamba ifise dukura mu kigo kivura abo barwayi, avuga amakenga muri bamwe mu basohotse ibitaro badasuzumwe neza ko bakize.
II. Kubona umugera wa corona uguma urandagata mu Burundi n’ikimenyetso ko ico kiza Leta yagifashe minenerwe. Ivyo n’ibishikirizwa n’umushakashatsi ku ndwara z’ivyaduka Côme KONAKUZE.
III. Uwo mushaskashatsi abona ko mu gihe hariho kunyinyurana kwa Leta n’umushikiranganji w’amagara y’abantu, ngo uyo mushikiranganji yarakwiye gutanga imihoho. Côme KONAKUZE.
IV. Umurwi w’umuryango w’ibihugu vya Afrika n’ubunyamabanga bw’umuryango mpuzamakungu ONU basaba leta kwubahiriza ingingo zijanye no kurinda abanyagihugu ikwirakwizwa ry’ikiza c’umugera wa corona muri iki gihe c’amatora. Bavuga kandi ko bararajwe inshinga n’imishamirano idasiba kwibonekeza hagati y’abanyawanyi b’igambwe itandukanye. Bagahamagarira abategetsi b’Uburundi kugira ico bakoze, kugira amatora abe mu mahoro kandi yumvikanweko.
V. Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi IDHB ryerekana ko amakungu ataco ariko arakora ku Burundi, mu gihe agateka ka zina muntu kabandanya guhungabana ku rugero ruteye ubwoba. Mw’itangazo ryasohoye, rivuga ko abantu barenga 260 bahagaritswe bidaciye mu mategeko mu kiringo c’imyiyamamazo, hafi nka bose akaba ari abanywanyi b’umugambwe CNL.
VI. Abanywanyi b’umugambwe CNL barenga 15 bagizwe n’abokwitoje hamwe n’abarorerezi mu matora, barafunzwe muri izi ndwi zitatu imyiyamamazo yarimaze. Ivyo bitigiri bitangwa n’ishirahamwe FOCODE, mu mugambi waryo NDONDEZA. Kubwa Pacifique Nininahazwe arongoye iryo shirahamwe, ngo iryo hagarikwa ryerekana ubusuma bw’amatora buriko burategurwa. Agasaba abarongoye umugwi CENI, gukora ibishoboka kugira ibizova mu matora bizobe vyizewe, kugira Uburundi ntibusubire mu nryane.
VII. Imyiyamamazo y’amatora azoba kuwa 20 uku kwezi kwa gatanu, yaraye asozerewe kuri uwu w’Imana. Umukuru w’umurwi w igihugu ujejwe ivy’agateka ka zina muntu CNIDH, Sixte Vigny Nimuraba, asaba abazoja mu matora bose kwirinda guhungabanya agateka ka zina muntu, haba muri ayo matora canke inyuma yayo. Akaba yabivugiye kuri radiyo nkuru y’igihugu.
VIII. Mu biro vy’amatora nta muntu n’umwe yemerewe kwatsa telefone, baba abaje gutora canke abakozi b’umurwi wigenga ujejwe guhagarikira amatora CENI. Vyamenyeshejwe na Petero Claver Kazihise, arongoye umurwi CENI, aho yagiriyeko avuga abantu bashobora kwemererwa gutorera mu bibanza batiyandikishirijemwo. Ivyo akaba yabishikirije kuri uyu wa mbere, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru.
IX. Pierre Claveri KAZIHISE yavuze kandi ko gutuma vyemewe, ariko ko bifise amategeko bitegerezwa gukurikiza.