Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 19/05/2020

Publié le 19 mai 2020 par Rédaction

I. Hari abanywanyi b’umugambwe CNL wa Agathon RWASA bafungiwe mu ntara ya  Rumonge. Umwe apfunzwe kuva ku wa kane w’indwi iheze, babiri nabo ni kuva mu ntango z’ino ndwi, bazize kuja gusuhuza mugenzi wabo afunzwe.

II. Mu gihe hasigaye amasaha makeyi gusa  abarundi bakwije ibisabwa ngo bitabe  amatora y’umukuru w’igihugu,  ay’abashingamateka hamwe n’ay’abajenama ba komine, abanywanyi b’umugambwe CNL barabandanya gufatwa, nkuko amakuru radiyo inzamba yaronse avyemeza.  Umunywanyi w’uwo mugambwe Evariste Mukurarinda aba muri komine ya Bwambarangwe, akaba yafashwe ku mutaga  wo kuri uwu wa kabiri, mu gisagara ca Muyinga aho yari yaje mu bikorwa vyari vyamuzindukanye. Evariste Mukurarinda akaba yahagaritswe n’abapolisi 2 barikumwe n’uwurongoye imbonerakure mu ntara ya Muyinga, Shabani Nimubona . Uwo munywanyi wa CNL akaba yafashwe yagirizwa ko avuye mw’ibanki gutora amahera ngo yoguhera abantu ngo baze batore umugambwe CNL, nkuko ayo makuru avyemeza. Ngo hoba hari n’abandi banywanyi b’uwo mugambwe bava mu ntara ya Kirundo boba bafatiwe mu gisagara ca Muyinga.

III. Umushikiranganyi ajejwe umutekano Alain Guillaume Bunyoni aragabisha uwo wese yoshaka guhungabanya umutekano mu gihugu, ku musi w’amatora kuri uwu wa gatatu, igenekerezo rya 20 rusama. Mw’ itangazo yasohoye ejo ku musi wa mbere, umushikiranganji Bunyoni yagabishije cane cane abanywanyi b’imigambwe CNL hamwe na UPRONA. Mu runani rw’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike FORSC, bariyamiriza iryo terabwoba rikorwa n’uwo mushikiranganji ku migambwe itavuga rumwe na leta. 

IV. Igipolisi c’Uburundi cahawe itegeko ryo kuzorasa uwo wese yegereye ibiro vy’amatora canke mu micungararo ahejeje gutora. Ivyo biri mu butumwa bwahawe intwazangabo z’igipolisi zirongoye abandi, mu ntara zitandukanye. Ubutumwa butangirwa mu manama abaserukira abandi mu karere baba bitavye, bukaba buriko butangwa na general Christophe Manirambona, batazira Wakenya, akaba ari icegera c’umugenduzi mukuru w’igipolisi.

V. Ubumwe bwa Afrika , n’ishirahamwe EAC rihurikiyemwo ibihugu vya kano karere ka Afrika y’ubuseruko, bakwiye kurikanura mu gihe hasigaye umusi umwe gusa amatora abe mu gihugu c’Uburundi. Ivyo biri mw’ikete umugwi w’abarundi bahamagarira abandi kuja hamwe, bakiyumvira ico Uburundi bwabo buzoba, Burundi Initiative Group mu mpfunyapfunyo, wandikiye ikete ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Frederiko Bamvuginyumvira avugira uwo mugwi, arerekana ko ubwicanyi n’ayandi mabi bikorerwa abatavuga rumwe n’ubutegetsi, arivyo biriko birigaragaza mu gihugu. Kubwiwe, inyishu ikenewe ku kibazo c’Uburundi si ayo matora, n’ibiganiro hagati y’abarundi.

VI. Ubutumwa bwo guhamagarira abantu kwica abandi, n’ukwankisha abantu bikorwa na bamwe mu bategetsi canke abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD bamenyekana abandi ntibamenyekane, biri mu vyaha biteba bigahanwa n’ubutungane bw’igihugu canke mpuzamakungu. Uwahoze avugira sentare mpanavyaha mpuzamakungu Ernest Sagaga, amenyesha ko bene ivyo vyaha bidashobora kwijana, agatanga akarorero kw’ihagarikwa ry’umunyarwanda yagirizwa kuba ari mu bateguye ihonyabwoko ry’abatutsi mu mwaka wa 1994 aherutse gutabwa muri yompi. 

VII. Ishirahamwe ACAT Burundi rirwanya gusinzikaza ubuzima bwa kiremwa muntu, ririyamiriza akarenganyo kagirwa n’ubutungane. ACAT ifatira ku rubanza rwa Fabien NDIKUMANA, umunywanyi wa CNDD-FDD yashize ahabona ibizoshikira abazokwanka ibizoba vyavuye mu matora yo kuri uyu wa 20 rusama (ugukererwa amazosi) muri odiyo yarungikiye muramuwe. Uwo nawe akaba yaciriwe gufungwa umwaka umwe n’ihadabu y’ibihumbi ijana y’amarundi. Kubw’umushingwamanza Jean Claude NTIBURUMUSI ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT Burundi, kubona ico gihano arico yaciriwe  vyerekana ko ubutungane buhengama iyo hageze gucira imanza abanywanyi b’umugambwe uri kubutegetsi.

VIII. Abamenyeshamakuru 6 bahunze igihugu nibo baronse ubushimwe ku nkuru n’ibiganiro bakoze vyagomwe n’umugwi ujejwe gutora abarushije abandi. Ayo makuru be n’ibiganiro bikaba vyatowe hisunzwe amategeko agenga umwuga, nkuko vyashikirijwe n’abari bajejwe gukora ico gikorwa. 

Ibindi bisa n'ibi