Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 27/05/2020

Publié le 27 mai 2020 par Rédaction

I. Inama y’abepiskopi Katolika bo mu Burundi iratewe umutima uhagaze n’utunenge twaranze amatora yabaye kuwa 20 Rusama. Iyo nama y’abepiskopi ivugako ayo matora hariho ahatari hake yaranzwe n’iterabwoba, ukutisanzura n’ukudafata kimwe abitoza n’abatora ; ikabonako ivyavuye muri ayo matora biteye amakenga.

II. Urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na leta CNARED Giriteka, ruranegura ivyavuye mu matora, ngo kuko atari amatora yigenga kandi atisunze demokarasi. Kubwa muganga Yohani MINANI arongoye CNARED, ngo ntagitangaje kirimwo muvyavuye mu matora kuko uwatsinze yari azwi imbere y’amatora. Arashimira abanyagihugu ingene bavyifashemwo mu kuja gutora ari benshi. Ku bwiwe ngo abarundi barerekanye ico bashaka.

III. Urunani rw’imigambwe CFOR wishinze kwubahiriza amasezerano y’amahoro ya Arusha, mw’itangazo rwasohoye kuri uyu wa gatatu, rumenyesha ko ivyavuye mu matora aheruka ari ibinyoma bigaragara, na leta izoyakomokako izoba nk’iya Nkurunziza yo kuva mu 2015. Jérémie Minani avugira uwo muhari, asaba amakungu kutaha agaciro na gato ayo matora, n’ivyayavuyemwo, afashe nyabuna kurondera umuti urama ku kibazo Uburundi burimwo kuva 2015. Jérémie Minani

IV. Umugambwe Uprona utavuga rumwe na Leta  uriyamiriza ivyavuye mu  matora yo ku wa 20 rusama uno mwaka, kuko yaranzwe n’ubusuma bwinshi. Mu rwandiko rwasohotse kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 26 za kuno kwezi, Charles Nditije awurongoye, asaba amakungu gufasha abarundi kugira ngo barongorwe n’abo bitoreye.

V. Abadereva b’ama modokari b’ishirahamwe Interpetrol rirangura ibitoro mu mahanga ribizana mu Burundi, barahagaritse akazi kuva kuri uyu wa kabiri. Bimwe mu vyo basaba harimwo kuronswa amasezerano y’akazi, no gufatwa nk’abantu mu kazi kabo ka misi yose n’abarongoye iryo shirahamwe.

VI. Ama hegitare yababa 2 yaraye atewe n’ibintu vyadutse nk’ibirunga muri komine n’intara ya Bururi. Naho ata wahasize ubuzima, abantu bo muri ivyo bice barafise ubwoba ko bashobora kugira ingorane.

Ibindi bisa n'ibi