I. Umurwi ujejwe gutegura amatora uvuga ko ibiharuro mfatakibanza vyavuye mu matora yo kuwa 20 uku kwezi vyashizwe ku rubuga ngurukanabumenyi rwa CENI, mu nyuma bigakurwako kuko bitategerezwa kuja ahabona bitarihwezwa neza n’abagize uyo mugwi. Ivyo vyashikirijwe na Petero Claver Kazihise arongoye umugwi CENI, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane. Ariko Ferederiko Bamvuginyumvira icegera c’uwurongoye urunani CFOR-Arusha rw’abatavuga rumwe na leta, avuga ko CENI yabigize kuko babonye ko ivyo bashize ahabona ari ibinyoma.
II. Rwasa Agathon we ahejeje gushikana dosiye muri sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro. Asigura ko yagiye yitwaje ibimenyetso vyerekana ubusuma bwabaye mu matora, akaba yiteze ko iyo sentare izobatunganiriza. Agathon RWASA
III. Inzu zitatu z’abanywanyi b’umugambwe CNL zaraturiwe n’abantu batamenyekanye. Vyabaye muri komine Giharo, mu ntara ya Rutana. Bikavugwa ko hagiye haraturirwa imwe imwe kuva ku musi wa mbere. Abanywanyi ba CNL babona ko ari agatotezo babandanya bakorerwa, bagasaba kwubahirizwa mu vyabo no mubabo, kuko ari abanyagihugu nk’abandi.
IV. Sentare nkuru y’igihugu muri Mukaza kuri uno wa kane, yaciriye umunyororo wo guherayo Clément Nkurunziza, yagirijwe n’ubutegetsi ko ari mu bateguye ubwicanyi bwahitanye abanyeshure bo mu bwoko bw’abahutu muri kaminuza y’Uburundi mu mwaka wa 1995. Urubanza, ku bize amategeko bavugako rwari kwigirwa mu mugwi ujejwe kuvugana ukuri no kunywanyisha abarundi CVR. Kubw’umushingwamanza Lambert Nigarura, ngo urwo rubanza rwagiyemwo imvo za politike.
V. Umuntu umwe yaraye yishwe acumiswe imbugita, ku mugoroba wo kuri uyu wa gatatu ku mugwa mukuru wa komine Mabanda, intara ya Makamba. Ivyo vyabereye mu bunywero aho yariko yivunira akanyota, yasogoswe na mugenziwe bariko barasangira, nkuko vyemezwa na musitanteri wa komine Mabanda. Laetitia Niyonkuru akamenyesha ariko ko imvo y’urwo rupfu itaramenyekana, kuko uwo yakoze iryo bara yaciye afatwa n’igipolisi ariko ataco yashimye gushikiriza agifatwa.
VI. Umukoresha adahaye amasezerano y’akazi abakozi ngo ntaba yikingiye ku vy’amategeko, ahubwo aba agomba kuruhisha abo akoresha. Bivugwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana, aho asigura ko amategeko yemera amasezerano y’akazi, yaba ayanditswe canke ayatanditswe. Na yo ubugenduzi bw’akazi ngo butegerezwa gukurikirana amashirahamwe mwene ayo, kugira babibutse gukurikiza amategeko, kubo bakoresha no mu kazi kabo ka misi yose. Umushingwamanza Janvier Bigirimana akaba abivuze inyuma yaho abakozi b’ishirahamwe Interpetrol bahagarikiye akazi basaba kwubahirizwa mu mategeko y’akazi.
VII. Umushingwamanza Janvier Bigirimana avuga kandi ko amategeko agenga akazi atemera ko abakozi badafatwa kumwe, ngo ni uko bava mu gihugu iki canke ikindi. Akanavuga ko agashirukabute canke umushahara baronswa, utegerezwa kuba ari uwutuma bakora bagononokewe. Uruganda rwa Radio Inzamba ntiruraronka ico abarongoye Interpetrol babivugako. Amakuru twaronse ni uko bamwe mu badereva bari i Kabanga bahamagawe I Bujumbura n’umukoresha ngo bavugane ingene akazi kosubira gukorwa.