I. Ku muhingamo wo kuri uyu wa kane, harabaye akaduruvayo mu gisagara ca Bujumbura hagati y’abanywanyi b’umugambwe CNL n’igipolisi. Icatumye bacanamwo, abakozi b’iperereza n’abapolisi bagiye kwaka aba CNL ivyegeranyo vy’amatora bariko barafotoza.
II. N’ubwoba mu banywanyi b’umugambwe CNL bo ku mitumba imwe imwe ya komine Mutaho, intara ya Gitega. Hakaba haciye imisi hari ibikorwa vy’ukubatera ubwoba bigirwa na bamwe mu bajejwe intwaro, hamwe n’imbonerakure, nk’uko amakuru ava aho i Mutaho avyemeza. Abo banywanyi ba CNL basaba ko vyohagarara kugira ngo babeho mu mutekano.
III. Amatora aherutse kuba mu Burundi kuwa 20 Rusama yaranzwe n’utununge twinshi, na cane cane ko hari abitoje batashikirijwe ibitigiri mfatakibanza vyatanzwe n’umugwi utegura amatora, CENI. Ivyo vyashikirijwe na Dieudonné Nahimana, uwigenga aherutse kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu matora, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu. Nahimana akavuga ko indorerezi zabo mu bibanza bimwe bimwe zaburabujwe mu gikorwa co gucungera, mu gihe amajwi yariko araharurwa. Kubwiwe, bagiye gushikiriza icegeranyo gikwiye umugwi CENI, kirimwo utunenge twaranze amatora.
IV. Leta y’Uburundi yarikwiye kumenyesha abanyagihugu ko ata bipimo bagifise vyo kumenya ko umurwayi yiketsweko umugera wa Covid-19 awufise, mu kigo kijejwe gupima umugera wa corona I.N.S.P. Ngo kuko ivyo bifasha abikorera ivyabo bafise ububasha bwo kuzana ibipimo mu gihugu, babizana. Ngo ahandi ho umushikiranganji w’amagara y’abantu azoba ariko arahemukira abanyagihugu, mu mabanga bamugenye yo gukingira amagara yabo.
V. Bamwe mu mpunzi z’abarundi ziba mw’ikambi ya Mulongwe mu gihugu ca repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo, bariyungunganya mu gukora imikate. Iyo mikate ikorwa n’abahurikiye mw’ishirahamwe IRAD. Bituma bamwe muri izo mpunzi bikenura, abandi naho bakanafungura iyo mikate.