I. Abanywanyi b’umugambwe CNL baguma batotezwa hirya no hino mu gihugu. Ku mutumba Gakungu, komine Giharo, mu ntara ya Rutana, inzu y’umunywanyi wa CNL yaraye ituriwe, ikaba ibaye inzu igira kane ituriwe mu kiringo c’indwi imwe yonyene. Abo banywanyi bakabona ko bidahagaze, hashobora kwaduka indyane zikomeye zifatiye ku macakubiri.
II. Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu ITEKA rirahagaritswe umutima n’urwo ruhigi rw’abatavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, rukibandanya n’inyuma y’amatora. Ishirahamwe ITEKA rigasaba rishimitse umugambwe uri ku butegetsi, guhagarika ayo mabi harimwo n’ubwicanyi bikorerwa cane cane abanywanyi b’umugambwe CNL. Anchaire NIKOYAGIZE, arongoye ishirahamwe ITEKA.
III. Abarongoye umugambwe CNL mu ntara ya Rumonge, barasaba ko abanywanyi babo bapfunzwe borekurwa. Bavuga ko ata kindi bapfungiwe atari ivyiyumviro vyabo vya politike. Bamwe mu bapfungiwe mu gipolisi mu Rumonge, bariko bakwa amafaranga bopfumbatisha aboheza bakabafasha ngo barekurwe.
IV. Mu kigabane Kw’isoko c’uno musi, tubabwira ingene inzego zishirwaho inyuma y’amatora hisunzwe ibwirizwa nshingiro rishasha.
V. Impunzi zo mwikambi y’i Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya zigiye kuronswa udufukamunwa kugira ngo birinde ikiza ca corona virus. Tukaba turiko turakorwa na bamwe muri izo mpunzi, babifashijemwo n’ishirahamwe Good Neighbors (neyibari).