Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 04/06/2020

Publié le 4 juin 2020 par Rédaction

I. Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro ihejeje mu kanya gaheze, kwemeza ko Évariste Ndayishimiye umukandida wa CNDD-FDD ariwe yatsinze amatora yo ku wa 20 rusama, akaba agiye kurongora Uburundi mu kirongo c’imyaka 7. Azorahira imbere y’inama nkenguzamateka na nshingamateka ku wa 20 ukwezi kw’umunani. Rwasa Agathon yari yaserukiye CNL muri ayo matora yamenyesheje igihe yitura iyo sentare ko n’itamutunganiriza, azokwitura sentare ya Afurika y’ubuseruko.

II. Abashingamateka 5 bari mu nama nshingamateka y’ubufaransa basaba amakungu gufata ingingo zishoboka, kugira ngo agarukire abarundi hakubandanya gusohora amatangazo nkuko vyabaye muri kahise. Ivyo biri mu rwandiko abo bashingamateka basohoye kw’igenekerezo rya 3 Ruheshi uno mwaka, aho bibutsa ko amatora aheruka yabaye igihugu ciyugaranye ata gakacira

III. Umushingamateka Agathon Rwasa yaraye agarukiye ku banywanyi b’umugambwe CNL arongoye, baheruka guturirirwa amazu muri komine Giharo, mu ntara ya Rutana. Yabagendeye kuri uyu wa gatatu abashiriye imfashanyo igizwe n’amabati n’ibindi bikoresho vyo mu nzu.

IV. Abarwayi bafise ibimenyetso bituma bibaza ko banduye ikiza c’umugera wa Covid-19 babandanya kwitura abavuza imiti y’ikirundi, kuko ngo batakirwa neza mu bitaro bitandukanye. Ariko rero ngo aho bagurira iyo miti kama, ngo baratinya ko hazokwandurira n’abataba bagwaye kuko ngo hahurira abantu benshi kandi ntihakurikizwe amabwirizwa yo kwikingira. Nayo inomero yatanzwe ngo abantu bafise ibimenyetso bahamagareko, irahamagara ariko hakabura uwitaba.

V. Kubona abanyagihugu bahurumbira imiti y’ikirundi muri kino gihe kugira bikingire ikiza ca COVID19, muganga Arcade Nkurunziza yanonosoye ibijanye n’indwara zo mu mubiri, avuga ko bishobora kubatera izindi ndwara. Kubwiwe imiti y’ikirundi ishobora gukiza ariko birasaba ko iba yizwe neza n’ubushakashatsi bukwiye, kugira umuntu amenye urugero ashobora gufata.

VI. Amategeko ngo yarahonyanzwe mu kurekura umuyobozi w’indero muri komine Mutaho iri mu ntara ya Gitega. Anatole Mbazumutima yagirizwa kuba yafashe ku nguvu umwigeme w’imyaka 14 yakora mu nzu iwe. Ivyo vyiyamirizwa n’uwanonosoye ivy’amategeko Espérance Kayeye. Akavugako insiguro yatanzwe na sentare mu kurekura Anatole Mbazumutima ngo kuko babuze abaserukira umuryango w’uwo mwigeme yafashwe ku nguvu, idafashe na gatoyi.

Ibindi bisa n'ibi