I. Petero Nkurunziza arwariye umugera wa Corona mu cumba c’indembe kiri mu bitaro vyo mu ntara ya Karusi, kuva ku munsi wa gatandatu. Amakuru yo kwizera radio inzamba ikura ku bitaro arwariyemwo, yemeza ko kuva yinjiye ivyo bitaro, hashizweho abasirikare benshi cane biyongera ku bandi basanzwe muri iyo ntara bo mwi bataillon ya 212.
II. Umuntu umwe yapfuye, abandi bane barakomereka bikomeye, bivuye kw’isanganya ry’imodokari ryabereye ahitwa ku Manyama, muri komine Mabayi, mu ntara ya Cibitoke. Iyo modokari yagize isanganya yari ijanye ikibazo ca reta buca gikorwa kuri uyu wa kabiri. Abakomeretse baciye bajanwa ku bitaro I Mabayi, aho bahavuye bungururizwa mu gisagara ca Bujumbura, kuko bari baremvye.
III. Urunani rwa politike CNARED-GIRITEKA ruvuga ko rwakiriye ivyavuye mu matora aheruka kuba kuwa 20 rusama, aho vyemejwe ko Evariste Ndayishimiye ariwe yatsinze amatora. Kubw’urunani CNARED, ngo hamwe Evariste Ndayishimiye yoba ashaka kugarukana amahoro mu Burundi, yokwihutira gusubiza iteka amasezerano y’i Arusha, kurekura abafungiwe ivya politike, gutahukana impunzi, kugarukira ubutunzi bw’igihugu no kunagura imigenderanire hagati y’Uburundi n’ibindi bihugu. Jean MINANI, arongoye urunani CNARED-GIRITEKA.
IV. Abantu 10 baraye bakomeretse muri komine Gashikanwa, intara ya Ngozi mu mishamirano yabaye mw’ijoro ryo ku munsi wa gatandatu rishira uw’Imana, hagati y’abanywanyi ba CNL na CNDD-FDD, nkuko amakuru avayo abivuga. Muri komine Kiremba naho, abantu babiri nibo bamaze kwicwa kuva kuwa gatandatu, nkuko uwavuganye na Radio Inzamba avyemeza. Ivyo vyateye ubwoba bamwe mu rwaruka rw’aho i Kiremba, rwatanguye guhunga kubera gutinya kwicwa canke gufatwa.
V. Abategetsi b’Uburundi baribakwiye kuronka icigwa ku biriko biraba mu gihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika, aho abanyagihugu basidukanye n’iyonka, biyamiriza ihohoterwa rigirwa n’abaporisi. Ivyo bishikirizwa n’umushingwamanza Gustave NIYONZIMA. Ku bwiwe, ngo birababaje kubona mu Burundi abanyagihugu babandanya guhohoterwa n’igiporisi, ntihagire icamira kuko kiba gishigikiwe na Reta.
VI. Abarundi bariko bagwira ku murindi munini, utajana n’ubutunzi bw’igihugu. Ivyo bishikirizwa na Evariste NGAYIMPENDA, umwigisha wa kaminuza akaba n’umuhinga ku bijanye n’igwirirana ry’abantu. Uyo muhinga asaba abategetsi kubitahura, kugira ngo batorere inyishu ico kibazo gikora ku bisata vyose vy’ubuzima bw’igihugu. Evariste NGAYIMPENDA akaba yavugiye kuri radio Isanganiro.
VII. Abamenyeshamakuru bane bagenzi bacu b’ikinyamakuru Iwacu, bakwije kuri uno wa mbere iminsi 231, bafungiwe mw’ibohero rikuru rya Bubanza. Christine Kamikazi, Agnès Ndirubusa, Thérence Mpozenzi na Egide Harerimana, bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu.