Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 11/06/2020

Publié le 11 juin 2020 par Rédaction

I. Kuri uno wa kane, inama nshikiranganji yakoranye, kugira ngo abagize leta y’Uburundi barabire hamwe, icokorwa kugira hasubirizwe vy’imfatakibanza  umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza aherutse kwitaba Imana, nkuko bitegekanijwe  mw’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi mu ngingo yaryo ya 121, agace ka gatatu no  mu ngingo 288 y’iryo bwirizwa nshingiro. Abashikiranganji bakaba baciye bafata ingingo yo kwitura sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro kugirango ifate ingingo ijanye no gusubiriza umukuru w’igihugu vyinfatakibanza.

II. Ibwirizwa nshingiro ryaba iryo mu 2005, ryaba iryo mu 2018 ntiryigeze ritegekanya y’uko umukuru w’igihugu vyoshika agapfa, haza hari uwundi mukuru w’igihugu yamaze gutorwa. Kubw’umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize, icatuma hategekanywa ko umukuru w’inama nshingamteka asubirira umukuru w’igihugu ni kugira atunganye amatora, nayo akaba yaraheze. Mu gihe biri uko rero ngo sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro niyo ica ifata ingingo y’uwuja mu kibanza co kurongora igihugu. Ivyo akaba abivuze mu gihe hari abibaza ko Evariste Ndayishimiye yoba ahonyanze amategeko mu gihe yofata ubutegetsi imbere y’itariki 20 z’ukwa munani. 

III. Mu gihe umukuru w’igihugu yahora arahira imbere y’inama nshingamateka na nkenguzamateka bikaba bizwi ubu ko inama nkenguzamateka itarajaho, Evariste Ndayishimiye aramutse agenywe kurongora u Burundi guhera ubu, yorahira imbere ya sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro. Umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize.

IV. Abanywanyi b’umugambwe CNL bo mu ntara ya Kirundo bavuga ko bariko barahirwa buhongo muri kino gihe abarundi bari mu kigandaro c’umukuru w’igihugu. Bavuga ko batotezwa na bamwe mu batware bo mu nzego zo hasi, bakababuza no kurangura imirimo yabo ya misi yose. Umwe muri bo wo ku mutumba Yaranda muri komine Kirundo, aratubwira uko vyifashe.

V. Petero Nkurunziza asize iragi ryo guhohotera abantu bitagira izina. Ivyo biri mw’itangazo ryasohowe n’ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka kazina muntu HRW. Urupfu rwa Nkurunziza rukwiye gutuma indongozi nshasha zifasha kugira habe ituze mu gihugu mu bijanye n’ukwubahiriza agateka ka zina muntu, hamwe no gushira ahabona abagirizwa gukora amabi ku ntwaro ya Nkurunziza. 

VI. Ingaruka z’umugera wa corona zirabandanya kwibonekeza mu ntara ya Rumonge. Amakuru ava muri iyo ntara amenyesha ko ibiciro vy’ibidandazwa vyagiye biraduga, ibindi birabura. Abanyagihugu bakavuga ko  ubuzima busigaye bugoye muri iki gihe.

VII. Abadereva bo mw’ishirahamwe Interpetrol bari bamaze igihe barahagaritse akazi, barasubiye ku mirimo haraheze indwi irenga. Bimwe mu vyo basaba baravyemerewe, ko ubuyobozi bugiye kubitunganya, aho ni nkamategeko agenga akazi be n’amasezerano hagati y’abakozi n’umukoresha. Ico abo badereva batemerewe ni kureka kurihishwa amafranga y’ibitoro bashobora guhomba mu nzira, bafatiye ku rugendo bagira. Ivyo bita indeminite de transport canke transit-loss mu ndimi njabukamazi. Harashinzwe kandi imirwi mito mito  bazohora bashikirizamwo ibibazo kubaserukira abandi,  kugira bitorerwe inyishu akazi katiriwe karahagarara. 

Ibindi bisa n'ibi