I. Uwu musi igenekerezo rya 16 Ruheshi, n’umusi mpuzamakungu w’umwana w’umunyafrika, wahimbajwe muri Afrika ata bantu bakoraniye hamwe kubera ikiza corona virus. Ariko rero ijambo ngenderwako ry’uno mwaka n’uko hokwigwa, hakongera hagashirwaho ubutungane bwihariye abana. Mu Burundi ntiwahimbajwe kubera ko muri kino gihe igihugu kigandaye.
II. Abana batarakwiza imyaka yo gufungwa bakurikiranwa n’ubutungane, babandanya bafungirwa mu busho n’abakuze kandi ikibanza cabo kiri mu bibanza vy’ikosorero bita centres de correction mu gifaransa. Abaharanira agateka ka zina muntu bakabona ko hari ingingo zishigikira itegeko rikingira abana zidahari, nk’uburyo bukwiye bw’amafaranga kugira amategeko ntasubire kurengwa.
III. Kuri uno wa kane niho umukuru w’igihugu mushasha Evariste Ndayishimiye azorahira. Ibirori bizobera i Gitega ku mugwa mukuru wa politike. Bitegekanijwe ko arahira imbere y’Imana n’abantu. Umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize amenyesha ko atagitangaje kirimwo kuko ibwirizwa nshingiro ryo 2018 ritumvikanyweko n’abarundi bose ariko ribivuga. Amenyesha ko gukorera mu gipfungu arivyo vyamye biranga umugambwe uri kubutegetsi.
IV. Mu gihe Uburundi arico gihugu ca mbere gikenye kw’isi nkuko biheruka gushikirizwa mu cegeranyo c’ibanki y’isi, Faustin Ndikumana, umuhinga yigenga mu vy’ubutunzi, asaba abarongoye Uburundi kureka gushira imbere inda zabo, kuvavanura n’indyane za politike, kwiyegereza abahora bafasha igihugu no guha akazi ababishoboye, gutyo ngo ubutunzi bw’igihugu buzoshobora kwiyongera.
V. Ababanyi b’abanywanyi b’umugamwe CNL baraye bafashwe muri zone Gasibe mu ntara Ya Bururi, barasaba abajejwe intwaro guhaguruka bakarekuza ababo. Abo banyagihugu batera ivyatsi ko abo bantu igipolisi cabahagaritse cakoreshejwe n’urwaruka rw’imbonerakure, ata matohoza abanje kuba. Muri abo, hakaba harimwo n’abanyeshure, ubu batariko barakurikira ivyigwa. Musitanteri wa komine Matana yabwiye radio inzamba ko atazi ko hari abanyagihugu arongoye bahagaritswe. Tubibutse ko abo bantu bo muri zone Gasibe, komine Matana n’intara ya Bururi, bazindutse bafatwa n’igipolisi ku musi w’ejo bajanwa gupfungirwa ahantu hataramenyekana.
VI. Imyidogo ni myinshi mu barimyi barimira mu kiyaya ca Gatakwa, zone Kigwena, muri komine n’intara ya Rumonge. Ibi bikava ku mazi ya Tanganyika yateye ico kiyaya, aca atuma batarima ikindi gice c’irima gikurikira. Bakabona ko ubukene n’inzara bigiye kubinjirana.
VII. Abadereva cumi b’ishirahamwe Interpetrol barirukanywe inyuma y’ibiganiro bagiranye n’umukoresha, mu ntumbero yo kugira akazi bari bahagaritse basaba gutunganirizwa, gasubire gukorwa. Ubuyobozi bwa Interpetrol bwoba bwabagirije abo badereva ko boba ari bo bagumuye abandi. Abadereva birukanywe basaba gusubizwa mu kazi, kuko ngo muvyo bari bumvikanye n’umukoresha n’uko ivyo bariko barasaba, bitobagirako ingaruka ngo birukanwe.