I. Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu OMS rivuga ko rishimishwa cane n’igeragezwa ry’umuti wa mbere, rimaze kwerekana ko uvura ikiza ca Covid-19, umuti washizwe ahabona n’abashakashatsi b’abongereza kuri uyu wa kabiri. Mw’itangazo ryashizwe ahabona kuri uyu wa gatatu n’ishirahamwe OMS, bemeza ko igereragezwa ry’umuti witwa dexamethasone ryerekana neza ko uwo muti ukiza indembe zigwaye ico kiza.
II. Abategetsi b’i Burundi ngo bazokwubahiriza ingingo zo kugwanya ikiza ca COVID-19, ejo ku musi wa kane, igihe co kwimika umukuru w’igihugu mushasha Evariste Ndayishimiye. Charles Nditije, umwe mu banyepolitike batavuga rumwe n’ubutegetsi bw’ i Burundi, akaba mbere kuva kera yamye yiyamiriza ingene leta y’Uburundi ataco iriko irakora ngo ikingire abanyagihugu, abona ko muri ivyo birori abantu bazoshobora kwandura ari benshi, uravye ibitigiri vy’umurengera vy’abantu batumiwe.
III. Umushingantahe w’inararibonye Zénon Nicayenzi avuga ko ataho vyakabaye mu migirwa y’abarundi aho hakorwa umunsi mukuru, mu gihe hari ikigandaro. Ivyo umushingantahe Zénon Nicayenzi abivuze mu gihe kuri uno wa kane, ariho hazokwimikwa umukuru w’igihugu mushasha Evaritse Ndayishimiye, ivyo bikazoba uwo agiye gusubirira aheruka gushengera Petero Nkurunziza atarashingurwa. Ku bwiwe ngo ivyo biteye kubiri n’imico y’abarundi.
IV. Inzu y’umupfakazi w’imyaka 70 yarasambuwe kuri uyu wa kabiri ku mutumba Gatabo, komine Kayogoro, intara ya Makamba, kw’itegeko rya Musitanteri w’iyo komine Zachée Misago. Uyo mupfakazi ahorwa ko yatoye umugambwe CNL mu matora aheruka. Kuva kuri uyu wa kabiri, aryama hanze n’abana n’abuzukuru. Agasaba ubutungane kumurenganura.
V. Sendika ihurikiyemwo abakozi bacungera umutekano w’abantu n’ibintu Stasec, imenyesha ko bagiye guhagarika imirimo mu gihe umuyobozi w’ishirahamwe ASEC ari na ryo bakoreramwo yobandanya guhonyanga amategeko agenga abakozi. Nduwimana Philbert arongoye iyo sendika, aratubwira amwe mu mategeko ahonyangwa n’uwo muyobozi. Twarondeye uwurongoye ishirahamwe ASEC kugira ngo agire ico avuze kuvyo abo bakozi bamwagiriza, turamukena.
VI. Kuva kuri uyu wa kabiri, haratangujwe igikorwa co kwandika no gufotora impunzi z’abarundi bari mw’ikambi ya Mulongwe, kugira ngo bazoronswe ama nimero y’ama telefone. Ayo ma telefone akazoba ariyo nzira ishirahamwe PAM izocishamwo amahera y’ibifungurwa isanzwe iha impunzi. Ingingo yakiriwe neza n’izo mpunzi.