Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 26/06/2020

Publié le 26 juin 2020 par Rédaction

I. Petero Nkurunziza yahoze ari umukuru w’igihugu yashinguwe kuri uyu wa gatanu, mu ntara ya Gitega. Evariste Ndayishimiye arongoye igihugu mw’ijambo ryiwe, yavuze ko azokurikiza iragi rya Nkurunziza mu bikorwa vyose. 

II. Mu makuru yacu yo kuri uyu wa kane, twarababwiye ikibazo c’iyongerwa ry’amapete kiri mu basirikare bahoze mu gisoda ca kera Ex-Fab, bo muri promotion ya 37. Uwundi mugwi wakozweko, n’abasirikare bahoze mw’ishamba Ex PMPA bavuye mu muhari FNL. Umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare  Prime Niyongabo, akaba ariwe atungwa agatoke muri ivyo bikorwa. 

III. Frédéric BAMVUGINYUMVIRA abona ko ivyo bikorwa ari akarenganyo kuko amategeko yategereza gukurikizwa kumwe kuri bose. Uwo yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, avuga ko ivyo bishobora gukwega akarambaraye mu gisirikare, agahanura ababijejwe gutorera inyishu vyihuta iyo ngorane.

IV. Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Antonio Guterres, yaragenye kuri uyu wa kane umurundikazi Biha Giovanie, nk’icegera c’intumwa idasanzwe y’iryo shirahamwe mu karere ka Afrika y’uburengero na Sahel. Biha Giovanie yaramaze igihe kinini akorera mu mashami atandukanye y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. 

V. Abantu bagera kuma 240 nibo bamaze kumenyekana ko bakorewe icaha co guhohoterwa kuva mu mwaka wa 2019. Ivyo biri mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ishirahamwe ACAT kuri uyu wa 26 aho amakungu yarasanzwe ahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe ukwibuka abahuye n’icaha co guhohotera kiremwa muntu. Ibiri muri iryo tangazo na Me Jean Claude Ntiburumunsi ajejwe igisata c’ubutungane mur’iryo shirahamwe ACAT. 

VI. Imyidogo ni myinshi mu banywanyi ba koperative CAPEBU mu ntara ya Muyinga. Bidoga bavuga ko udufaranga twabo bari babikije, batazoturonswa. Ni mu gihe iryo shirahamwe ryugawe kuva kw’igenekerezo rya 2 Nzero uno mwaka rikaba ryari mu ma koperative akora nabi.

Ibindi bisa n'ibi