Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 09/07/2020

Publié le 9 juillet 2020 par Rédaction

I. Abadandaza batatu b’inka barakomeretse cane kuri uyu wa gatatu bategerewe n’abantu babiri bitwaje inkoho, kandi bambaye impuzu za gisirikare. Ivyo vyabereye ku mutumba Muremera, komine Kigamba, mu ntara ya Cankuzo. Inkuru ziva aho habereye ibara, zikamenyesha ko udufaranga twose bari bafise abo bagizi ba nabi bagiye batwivye, baca bakamanganira mw’ishamba cimeza rya Ruvubu.

II. Icegeranyo c’ishirahamwe ACAT Burundi co mu kwezi kwa gatandatu kivuga ko habaye ihohoterwa ry’abanyororo mu mabohero atandukanye y’igihugu. Abaza kw’isonga akaba ari abarongoye amabohero co kimwe na bamwe bo mu nzego zogucungera umutekano.

III. Mu mabohero y’i Burundi haracibonekeza abantu bafungwa igihe kirekire bataracigwa imanza, akarorero kamwe muri twinshi ni aka Christian Baranyizigiye, afungiwe mw’ibohero rikuru ry’i Muyinga aho yashikanywe avuye mw’ibohero ry’i Ngozi. Akaba arengeje umwaka atarigera aburana.

IV. Kubw’umushingwamanza Janvier Bigirimana ngo naho ata hantu amategeko y’Uburundi yerekana ikiringo co guhamagaza urubanza s’ibintu bisanzwe ko umuntu amara umwaka urenga ataraburana. Me Janvier Bigirimana akabona ko Christian Baranyizigiye ariko arabuzwa uburenganzira bwiwe.

V. Umuntu umwe yaraye apfuye, abandi icenda barakomereka biturutse kuri grenade yatewe n’abantu bataramenyekana muri zone Buterere, ya komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura. Abajejwe intwaro n’abanyagihugu bo mu Buterere, basaba ko umutekano wokwongerezwa.

VI. Ishirahamwe rukristu rirwanya gusinzikariza ubuzima kiremwa muntu ACAT Burundi, ryakiranye akanyamuneza ingingo yo gusubiza muri sentare isubiramwo urubanza rwa Germain Rukuki, yahoze akorera ACAT Burundi. Iyo ngingo nayo yafashwe n’igisata ca gasambura manza ca sentare ntahinyuzwa.  ACAT Burundi ikizera ko uwo aharanira agateka ka muntu ubu agiye gutunganirizwa.

VII. Ku murwa mukuru wa komine Musongati iri mu ntara ya Rutana, kuri uyu wa kane mu gitondo, hatowe ikiziga c’umwana w’umwigeme biboneka ko imbere yo kwicwa akerewe izosi, yabanje gufatwa ku nguvu. Nayo mu ntara ya Karusi muri komine Gitaramuka, n’ikiziga c’umugabo yitwa Ndikumana Nicodème catowe, mu gatondo k’uno wa kane nyene, bakikeka ko yishwe n’abahungu biwe bivuye ku ndyane z’amatongo.

VIII. Icegera c’uwurongoye ishirahamwe rigwanya ihonyabwoko AC Génocide Cirimoso, Thérence Mushano, ku mutaga w’uno musi wa kane, yahagaritswe n’igipolisi kijejwe iperereza ku kibuga c’indege ca Bujumbura, mu gihe yariko aha ikiganiro abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Iwacu. Abo bamenyeshamakuru ukwo ari batatu, nabo nyene baciye bahagarikwa, ariko mu nyuma bararekurwa. Ico Thérence Mushano yafatiwe gushika ubu ntikiramenyekana. Mu nyuma akaba yaciye aja kubazwa mu gipolisi c’inyamiramabi.

IX. Abacitse kw’icumu mu bwicanyi bwakorewe abanyeshure bo mu kigo ca Kaminuza y’Uburundi mu mwaka wa 1995, kuri uyu wa kane niho bibuka imyaka 25 iheze, habaye ubwo bwicanyi bwakorewe abanyeshure bo mu bwoko b’abahutu. Ubwo bwicanyi bwabaye mw’ijoro ryo ku wa 11 Ruheshi 1995, bwatumye abanyeshure bo mu bwoko bw’abahutu bata amashure, barahunga. Mu gihe bamwe mu barokotse, kuri uyu musi harimwo abategetsi, uhereye ku mukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, uwundi mu barokotse ariwe Anicet Niyonkuru arongoye umugambwe CDP, asaba abarongoye igihugu, gufatira ku vyabaye, bagaharanira kwubahiriza agateka ka zina muntu, abarundi na bo bakabana mu mahoro.

X. Nayo ku bokwibaza ko kwibuka abacitse kw’icumu mu kwubaka icibutso muri kaminuza, yoba intandaro yo kwihora, Anicet Niyonkuru agira ati ahubwo bifasha mu gukira ibikomere, bikabavamwo.

Ibindi bisa n'ibi