I. Abigisha bo kw’ishure ryisumbuye Lycée du Lac Tanganyika riri mu gisagara ca Bujumbura, baratewe amakenga n’ubutumwa bwarungitswe na bamwe mu banyeshure bayobewe, buvuga ko bayobejwe kubera bari mu migwi y’imbonerakure yo kuri iryo shure. Abigisha basaba ko ibikorwa vya politike vyovanwa mu mashure. Ubushikiranganji bw’indero bwazindutse burungika abagenduzi kugira bagire amatohoza.
II. Libérat Ntibashirakandi, umwigisha akaba n’umuvyeyi, asigura ko inyifato nk’iyo y’urwo rwaruka rw’imbonerakure iva ku kuntu abo mu mugambwe CNDD-FDD babigisha amacakubiri. Kubwiwe, umukuru w’igihugu akwiye kuva mu gacerere agasaba ko iyo nyifato mbi y’imbonerakure yohagarara.
III. Umwe mu bagirizwa urupfu rw’uwahoze ari umukozi w’ubuyobozi bw’uburimyi n’ubworozi mu Ntara ya Muyinga umuhisi Pierre Mumputu, umusirikare Athanase Ntakarutimana, bivugwa ko inyuma y’imyaka hafi ibiri ari mw’ibohero agihembwa ukuri kwamye mu gisirikare. Amakuru ava muri bamwe mu bakozi ba koperative yo kuziganya no kugurana ya gisirikare CECADM, amenyesha ko ikonti yiwe igicako amafaranga y’agahembo nk’abandi basirikare bose bari ku mirimo.
IV. Ishirahamwe AC Génocide Cirimoso igisata co muri Canada, riratera ivyatsi ifungwa rya Thérence Mushano, icegera c’umukuru w’iryo shirahamwe mu Burundi afunzwe kuva kw’italiki 9 z’uku kwezi. Ivyo biri mw’itangazo iryo shirahamwe ryashize ahabona kuri uyu wa mbere. Thérence Mushano yafashwe mu gihe yashaka kuvugana n’abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Iwacu ku bijanye n’igikorwa ca CVR, umugwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi, aca yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu. Emmanuel Nkurunziza aserukira akaba n’umunyamabanga wa AC Génocide Cirimoso muri Canada akaba yasavye ko Mushano yorekurwa atakirinze gusabwa.
V. Imyaka 4 irakwiye kuri uyu wa 13 Mukakaro 2020 umupfasoni Hafsa Mosi agandaguwe n’abantu bataramenyekana muri karitiye Gishosha, mu gisagara ca Bujumbura. Uyo mupfasoni yagadanguwe inyuma y’aho yari aherutse kugira urugendo mw’ikambi y’impunzi z’abarundi y’i Mahama, mu gihugu c’Urwanda. Abatari bake bakamwibukira ku mosozi yasohoye igihe yari muri iyo kambi. Umupfasoni Hafsa Mosi ico gihe akaba yari umushingamateka wo mu muryango w’ibihugu bigize akarere ka Afurika y’ubuseruko ariwo EALA. Umuryango wiwe n’abandi barundi bakaba gushika n’ubu bataramenya ukuri ku bamugandaguye.
VI. Ishirahamwe OLUCOME rirwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta, rirasaba umukuru w’igihugu gushira mu ngiro, itegeko ritegeka abagenywe mu mabanga ahambaye mu gihugu n’abandi bakozi bakuru ba leta, kwerekana ivyo batunze imbere yo kwinjira mu mabanga n’igihe bahejeje amabanga yabo. Ishirahamwe OLUCOME ryibutsa umukuru w’igihugu ko yiyemeje mw‘ijambo yashikirije, kurwanya ubwiwe igiturire mu Burundi.
VII. Mu ntara ya Muyinga havugwa ubukene budasanzwe bw’isukari. Aho ibonetse ubu ikiro kigurwa hagati y’ibihumbi bitanu n’ibihumbi bitandatu. Ahatari hake ikaba idandazwa mu mpisho kandi ku biciro bitemewe n’amategeko.
VIII. Imyidogo ni myinshi mu bakorera mu gisata c’imise n’amasabuni mu ntara ya Rumonge. Abacuruza imise bavugako abakora amasabuni babagabanije ibiciro bahora babagurirako, abakora amasabuni nabo bagasigura ko bahagaritse kuyakora kuko bahahombera.