Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 14/07/2020

Publié le 14 juillet 2020 par Rédaction

I. Abantu batatu bahitanwe n’isanganya ry’imodoka yunguruza abantu ikaba yarigeze  ahitwa Nyamutenderi kw’ibarara RN7, muri Bujumbura rural. Babiri baciye bitaba Imana aho nyene, umwe nawe acikana ageze kwa muganga, nayo 26 barakomereka, harimwo 9 babaye cane. Ano makuru akaba yemejwe n’ubushikiranganji bw’umutekano bubicishije ku rubuga rwa Twitter.

II. Inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu yakoranye incuro ya 44 kuri uyu wa kabiri i Geneve mu gihugu c’ubu Suisse, ahizwe uko agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi. Amakungu yasabweko yogira uruhara mu guhagarika ubwicanyi n’ayandi mabi bikorerwa abatavuga rumwe n’umugambwe uri kubutegetsi, hatibagiwe abaharanira agateka kazina muntu bafunzwe ku karenganyo.

III. Intwaro iyo itacizewe n’abanyagihugu, abarongoye igihugu baca bashira mu mabanga y’igihugu abasirikare kugira bakoreshe iterabwoba. Uyo n’umwihwezo wa David Gakunzi umwanditsi akaba n’umumenyeshamakuru akurikirana hafi ibijanye n’Uburundi. Abivuze inyuma y’aho Evaritse Ndayishimiye aherutse kugena abasirikare batari bake mu mabanga yo kurongora intara. Uyo muhinga asigura ko leta ya CNDD-FDD kuva ishitse ku butegetsi, yagumye ifise agatima k’ingwano, ari naco gituma vyabananiye guteza imbere abarundi. Ku bwiwe, ubu iyo leta ishaka gukoresha inguvu kubera abarundi batakiyizeye.

IV. Thérence Mushano, icegera c’uwurongoye AC Génocide Cirimoso, ngo azira ko yoba yavugiye abatutsi biciwe muri kaminuza kuri campus ya Kiriri, mu gitero co kwihora cabaye haciye ukwezi kumwe gusa hishwe abahutu mu bigo vya kaminuza. Mu mugambwe w’abadasigana UPRONA urongowe na Karori Nditije, baranegura imvo ziri inyuma y’ipfungwa ry’ico cegera c’uwurongoye AC Genocide. Prof Charles Nditije avuga ko amatohoza arora k’ukuri no kunywanisha abarundi ariyo akenewe, ariko leta ngo siyo ntumbero yihaye.

V. Ihagarikwa rero ry’icegera c’uwurongoye AC Génocide CIRIMOSO Thérence Mushano, ryabaye mu gihe hariko haribukwa imyaka 25 iheze habaye ubwo bwicanyi, bwahitanye abanyeshure bo mu bwoko bw’abahutu mu kigo ca kaminuza y’Uburundi, co ku Mutanga. Uwaserukiye leta y’Uburundi muri ivyo birori, yamenyesheje ko leta ishigikiye igikorwa ubutungane bwatanguye co gushengeza abagirizwa ubwo bwicanyi. Ariko abakurikiraniye hafi ivyabereye muri kaminuza ico gihe, babona ko hakenewe gukorwa amatohoza, kuko abo bagiriza bahorwa umwikeko, kuko bigeze kurongora abandi.

VI. Kubona umwe mu bagirizwa urupfu rwa Pierre Mumputu aguma ahembwa amafranga y’igisirikare kandi yarakatiwe umunyororo wo gufungwa ubuzima bwose, ngo ni kimwe mu vyerekana ko ubutungane bw’Uburundi butigenga. Bivugwa n’umushingwamanza Gustave Niyonzima, aho anavuga ko hari ugukundwakaza bamwe cane cane abahoze mu mirwi irwana, abahoze mu gisirikare ca kera nabo bakagomba gucibwa ku buhombo.

VII. Amategeko y’akazi avuga ko umukozi wa leta wese n’umusirikare arimwo apfunzwe mu kiringo kirenga amezi atandatu, aca akurwa mu kazi canke agafatwa nk’uwagataye, naho yoba ataracibwa urubanza. Twasubiye kurondera kuri telefone Colonel Floribert Biyereke avugira igisirikare c’Uburundi ngo atange umuco ku bivugwa kuri uyu musirikare Athanase Ntakirutimana apfungiwe mw’ibohero rya Ngozi, ariko twamukenye.

VIII. Komine yose igiye kuzogira ibitaro vyayo, nayo imitumba itarisanganywe amavuriro, ironswe amavuriro. Ivyo n’ivyashikirijwe kuri uno musi n’umushikiranganji w’amagara y’abantu, Thaddée Ndikumana, hari mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa kabiri. Ivyo ngo bikazoba bikozwe mu ntumbero yo gufasha abanyagihugu, mu bijanye no kwivuza. Dr Thaddée Ndikumana.

IX. Ibarabara riva mu Rumonge rija i Nyanzalac rishobora gucika umwanya uwari wo wose kubera amazi ya Tanganyika asigaye yisuka mu bice vyinshi vy’iryo barabara. Abiyunguruza bakoresheje iryo barabara bagasaba ko ryogarukirwa ritariha inkumbi.

X. Urunani CBDH-VICAR ruharanira agateka k’abarundi baba mu makambi y’impunzi, rurababazwa n’ingene impunzi z’abarundi ziri mu gihugu ca Tanzaniya zifashwe. Urwo runani rukaba rwituye ikigo c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kijejwe agateka ka zina muntu, rugisaba gufata nka nkama ibibazo vy’izo mpunzi bijanye n’abantu baguma banyuruzwa, abandi bagahagarikwa agasakisaki bitajanye n’amategeko.

XI. Hari ikiziga c’umuntu w’umugabo ari hagati y’imyaka 20 na 30 catowe mu gitondo co kuri uyu wa kabiri, hagati y’umutumba wa Mivo na Kibimba, yo muri komine Mabanda, intara ya Makamba. Baravye ico kiziga, biboneka ko uwo muntu yicishijwe ubuhiri. Musitanteri w’iyo komine Mabanda, aremeza ayo makuru akavuga ariko ko uwo yishwe ataramenyekana. Laetitia Niyonkuru akamenyesha ko amatohoza mu gipolisi yatanguye, kugira ngo hamenyekane uwo muntu n’abamugandaguye.

Ibindi bisa n'ibi