I. Sentare isubiramwo imanza mu ntara ya Makamba, mu rubanza rw’ikibiriraho rwari rutegekanijwe kuri uyu wa kane, yarwungururije ku wa mbere igenekerezo rya 27 Mukakaro; kubera y’uko ababuranira abagirizwa, bamenyesheje ko bataramenyeshwa ibiri mu ma dosiye y’abo baburanira. Mukibuka ko kuri uyu wa gatatu ariho Sentare nkuru yo mu ntara ya Makamba, yari yarungitse urwo rubanza muri Sentare isubiramwo imanza, ikaba yamenyesheje ko atabubasha ifise bwo kuburanisha bamwe mubari mu bagirizwa. Abo nabo bakaba ari 16 bagizwe n’aba civil 12 hamwe n’abapolisi 4 harimwo intwazangabo.
II. Umugambwe CNL usaba ko itotezwa rikorerwa abanywanyi bawo ryohagarara, abapfunzwe bazira ivyiyumviro vyabo nabo bakarekurwa. Ivyo biri mw’itangazo ryasohowe n’uwo mugambwe kuri uyu wa kane. Ikindi umugambwe CNL uvuga nuko naho bituye sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro ikanabaha inyishu itabashimishije, ivyo ngo bitazotuma bava mu matora. Ngo bazotegerezwa kuyasozera nkuko bayatanguye.
III. Bamwe mu biyandikishije kugira ngo bitoze mu matora y’abakuru b’imitumba mu ntara ya Rumonge, bavugako batisanze ku ntonde. Abo bakavugako bamaze kwitura umurwi CECI na CEPI ariko ko batarabatunganiriza. Ni mu gihe muri abo batisanze kuri izo ntonde, ari abanywanyi b’umugambwe CNL, bikavurwako boba basubirijwe n’abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.
IV. Ishirahamwe rigwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta, OLUCOME, risaba umukuru w’igihugu gufata ingingo zikomeye kurusha izimaze gufatwa, mu kurwanya ikiza ca COVID 19. Mw’ikete iryo shirahamwe ryandikiye Evariste Ndayishimiye, rirashima imikenyuro yo kurwanya ico kiza yafashe kuva ashitse ku butegetsi, ariko rero ngo ntibihagije namba.
V. Bamwe mu bana b’abakobwa b’impunzi z’abarundi baba mw’ikambi ya Mulongwe, mu gihugu ca repubirika iharanira demokarasi ya congo barasamye inda bitewe n’ikiza ca corona virus, catumye imirimo yose ihagarara. Ivyo bivugwa n’umwe mu barundi basanzwe baba muri iyo kambi yaganiriye na Radio inzamba, akabonako ingaruka z’ico kiza ari nyinshi muri iyo kambi.
VI. Impunzi z’abarundi zigera kuri 12 zaraye zinyurujwe mur’iri joro ryakeye no ku mutaga wo kuri uyu wa kane, mu nkambi ya Mtendeli mu gihugu ca Tanzaniya. Ababanyuruje ntibaramenyekana, kandi bababwira ko uwuhirahiriye agakoma induru aca araswa. Abaharanira agateka ka zina muntu bagasaba amakungu, guhagurukira igihugu ca Tanzaniya kuko kiriko gihonyanga amategeko mpuzamakungu.
VII. Imyidogo ni myishi mu banyeshure bahejeje amashure yisumbuye kuri Lycée Communal Mukungu, muri komine Nyanza Lac, intara ya Makamba. Bamenyesha ko bariko barakwa amafaranga ari hagati y’ibihumbi 15 na 17, bategerezwa guha umuyobozi w’iryo shure. Bagasigura ko batazi ico ayo mahera azokora.
VIII. Imyaka 15 uwahoze ari umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarongoye igihugu c’Uburundi, yaranzwemwo n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu, ubunyonyezi bw’amatungo y’igihugu, n’itosekara ry’imigenderanire hagati y’Uburundi n’ibihugu bibanyi, eka mbere n’amakungu. Ivyo biri mw’itohoza riheruka gukorwa n’urunani rw’ama radiyo Inzamba, RPA, na Télevision Renaissance. Iryo tohoza ryitabiriwe n’abantu barenga 390.