Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 24/07/2020

Publié le 24 juillet 2020 par Rédaction

I. Abarundi bahungiye mw’ikambi ya Nduta, babayeho mu bwoba budasanzwe kuko ata joro ryijana ata muntu anyurujwe. Bamwe muri bo kubera ubwoba, bahitamwo kwiyandikisha ngo batahe mu Burundi, kuko kuri bo ngo ari ugupfa n’ugupfa. Ivyo bavuga ko vyunyuwe n’ibifungurwa baronse bitameze neza.

II. Umuhari MAP Burundi Buhire, uratera ivyatsi ingendo y’igihugu ca Tanzaniya gihonyanga amategeko mpuzamakungu agenga impunzi, inyuma y’aho hanyururijwe impunzi zirenga 100 mu ma kambi y’impunzi atandukanye, ari mur’ico gihugu. Uwo muhari uvuga ko hamwe igihugu ca Tanzaniya cobandanya iyo ngendo, ko uwo muhari ufadikanije n’abandi Barundi uzitwarira mu masentare mpuzamakungu igihugu ca Tanzaniya. Léonce Maniriho, ajejwe igisata c’impunzi mu muhari MAP Burundi Buhire.

III. Impunzi z’abarundi zo mw’ikambi ya Mulongwe mu gihugu ca Repubirika iharanira Demokarasi ya Congo zazindutse kuri uno wa gatanu zitegekwa n’ababarongoye, ko batosohoka ikambi. Imvo ngo woba ari umutekano muke uvugwa mu micungararo y’iyo kambi.

IV. Benjamin MKAPA yitavye Imana kuri uyu wa gatanu afise imyaka 81. Yahoze arongoye Tanzaniya kuva mu 1995 gushika mu 2005. Yarabaye n’umuhuza mu matati y’abarundi yavuye ku kiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, aho yarongoye n’ibiganiro bihuza leta n’abo bitavuga rumwe, harimwo n’urunani rw’abatavuga rumwe na leta CNARED. Uwurongoye urwo runani Muganga Jean Minani, avuga ko Benjamin MKAPA yagize uruhara mu gufasha gutora inyishu iciye mu biganiro, ku matati y’abarundi n’aho ico gikorwa kitamworoheye. Muganga Jean Minani

V. Bamwe mu banyagihugu bo mu ntara ya Kirundo, baridogera abajejwe intwaro ingene bariko barashiramwo nkunzi mu kwandika  abashomeri mu ntara yose. Ngo bakandika abari mu mugambwe CNDD-FDD gusa, kandi wari umugambi w’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, nkuko aheruka kubisaba abarongoye intara mu nama bagiranye. Abo banyagihugu bagasaba umukuru w’igihugu ubwiwe, ko yorungika umugwi uza kurangura ico gikorwa mu ntara ya Kirundo, kugira uwudafise akazi wese yandikwe nkuko yabisavye.

VI. Abanyagihugu bo muri zone Mukungu, komine Nyanza-Lac, intara ya Makamba, baridogera abakozi b’igisata c’ishirahamwe rijejwe umuyagankuba n’amazi Regideso mur’iyo ntara, ko batabanguka iyo batabajwe mu bikorwa bajejwe. N’inyuma y’aho abo banyagihugu bamaze iminsi ine, ata muyagankuba n’amazi bafise, bitumwe n’impanuka z’ibikoresho vy’iryo shirahamwe.

Ibindi bisa n'ibi