Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 27/07/2020

Publié le 27 juillet 2020 par Rédaction

I. Ubuyobozi bw’ishirahamwe ONATEL burarerwa gusesagura amatungo y’iryo shirahamwe, mu gutanga amasoko ata mahiganwa arinze kuba, nk’uko amategeko abitegekanya. Ivyo bibonekera kw’igurwa ry’imodokari 6 z’iryo shirahamwe, zaguzwe zimaze gukora, ivyo bita occasion mu rurimi rw’igifaransa. Ngo bikaboneka ko igiciro c’izo modokari ari umurengera, kandi ata mategeko n’amwe yakurikijwe ku bijanye no gutanga amasoko ya reta.

II. Umuntu umwe yaraye apfuye kuri uno w’Imana, biturutse ku mahiri yakubiswe n’imisore itandatu y’imbonerakure. Ivyo vyabereye  ku mutumba Munyinya, muri komine Busoni, mu ntara ya Kirundo. Umukuru w’uwo mutumba, co kimwe n’izo mbonerakure, bakaba bapfungiwe mu gasho k’inyamiramabi ka komine Busoni, ku mvo z’amatohoza.

III. Sentare isubiramwo imanza y’i Makamba yumvirije irigira kabiri urubanza rw’abantu 16 bagirizwa kunyaga n’ukwica abarundi bava kwisumamwo mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya. Inyuma y’umwidondoro w’abaregwa; sentare yabajije  umushikirizamanza  ko  urubanza rwobandanya ruburanishwa mu ntahe y’ikibiriraho, canke ibisanzwe nk’izindi manza. Mu nyuma, sentare yaciye ishira urubanza mu mwiherero, kugira yige ingene urwo rubanza ruzobandanya ruburanishwa. Sentare ikaba izomenyesha ingingo izoba yafashe, kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya  28 uku kwezi nyene.

IV. Ugutwara abantu n’ibintu mu kirere hakoreshejwe indege bishobora gusubira gutangura. Mu nama yahuje abagize  umurwi ukurikirana ibijanye n’uruja n’uruza mu kirere mu Burundi,  uwurongoye ikibuga c’indege citiriwe Ndadaye Melchior  yamenyesheje ko biteguye kwugurura ikibuga, kuko ibikorwa basabwe gukora muri kino gihe hari ikiza ca corona mu misi mike, bizoba vyaheze. Emmanuel HABONIMANA, umuyobozi w’ikibuga c’indege.

V. Abantu 352 nibo bamaze guhitanwa n’ikiza Covid 19 mu bihigu bigize akarere ka Afrika y’ubuseruko, kugeza kuri uyu wa mbere. Ni mu bantu barenga 22.700 bamaze kwandura ico kiza. Igihugu c’Uburundi conyene giharura abantu 361 bamaze kwandura.

VI. N’ubu ntawuramenya irengero ry’impunzi zitanu z’abarundi zafatiwe mw’ikambi ya Mtendeli muri Tanzaniya, mw’ijoro ry’uwa gatatu rishira uwa kane. Igipolisi ca Tanzaniya kirahakana ko arico cabafashe, ariko amakuru ava muri iyo kambi yemeza ko hari impunzi zisanzwe zihaba, zakoranye n’abapolisi ba Tanzaniya mu kunyuruza abo bantu. Ivyo birateye ubwoba izindi mpunzi, zisaba ko haba amatohoza bagafatwa.

VII. Abarundi bahungiye mw’ikambi ya Mulongwe mu gihugu ca Congo, bazindutse kuri uyu wa mbere bagira urugendo, bagana ahaba uwubaserukira, basaba kuronswa ibifungurwa. Haraheze amezi 5 izo mpunzi zitaronswa ivyo gufungura. Ishirahamwe mpuzamakungu riraba ibifungurwa kw’isi PAM, ryoba ryemeye gutanga ivyo bifungurwa kuva kuri uyu wa kabiri italiki 28.07.2020, nkuko amakuru ava muri bamwe muri izo mpunzi abivuga.

Ibindi bisa n'ibi