Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 31/07/2020

Publié le 31 juillet 2020 par Rédaction

I. Balthazar Nyabenda, arongoye zone Mwakiro, muri komine Mwakiro, intara ya Muyinga afungiwe mw’ibohero rikuru ry’iyo ntara guhera ku muhingamo wo kuri uyu wa kane. Yagirizwa kuba yashatse kwica n’imbugita musitanteri ariko arasozera amabanga yo kurongora iyo komine, Sylvie Muhimpundu. Musitanteri yari yatumyeko Nyabenda Balthazar arongoye zone Mwakiro, ngo yisigure ku biti vya komine yariko araca ku nyungu ziwe, ku mitumba itatu igize iyo komine.

II. Abari mu gisata C’indembe « service d’urgence» mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu baridoga ko agashirukabute «frais de motivation» bari bemerewe kagabanijwe. Abo nabo bakaba bari mu gikorwa co kurwanya coronavirus kuva mu kwezi kwa mbere, nkuko bavyemeza. Ivyo rero ntibavyakiriye neza.

III. Impunzi z’abarundi zahungiye mw’ikambi ya Mulongwe iri muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, bariko bararonswa urucanco rwa Cholera. Umwe mu barundi bahungiye muri iyo kambi, avuga ko urwo rucanco rutitabiriwe bikwiye n’abarundi bahungiye muri iyo kambi,  kubera zibaza ko harimwo ibindi bintu. 

IV. Ishirahamwe rukristu rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, ACAT BURUNDI, rirashimishwa n’irekurwa ry’abanyororo bari mw’ibohero rya Rumonge bari bamaze imisi batabarizwa n’iryo shirahamwe. Daniel Naramba, Bernard Havyarimana, Canésius Nizigiyimana na Ferdinand Bizindavyi, bari bamaze hafi amezi ane bafunzwe kandi umunyororo wabo wararangiye. Jean Claude Ntiburumusi, ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT, agasaba ko abanyororo bose bakiri mu mabohero hahonyanzwe amategeko, borekurwa vuba.

V. Aba Islam bo mu Burundi bifadikanije n’abandi bo kw’isi yose, mu guhimbaza umusi mukuru wa Idil Hadj usozera urugendo rutagatifu rubera i Maka, mu gihugu ca Arabie Saoudite. Khassim Jafar, umuvugizi w’umuryango w’aba Islam mu Burundi, avuga ko uwo musi mukuru ufise insiguro yo gusangira na bose ata kuvangura ama dini, intara, ubwoko n’ibindi.

VI. Abigisha bo mw’ikambi y’impunzi ya Nyarugusu iri mu karere ka Kasuru, mu ntara ya Kigoma, mu gihugu ca Tanzaniya, basaba kuronswa agashirukabute katanzwe n’ishirahamwe IRC, nkuko abo mu makambi ya Nduta na Mutenderi bayaronkejwe. Muri kino gihe, abo bigisha baranse gutanga amanota n’ivyegeranyo vy’umwaka, aho bavuga ko bazobitanga ari uko baronkejwe ako gashirukabute.  Ishirahamwe IRC rikaba ariryo risanzwe rifasha mu gisata c’indero, mu makambi y’impunzi ari mu gihugu ca Tanzaniya.

VII. Aba Islam b’abarundi bahungiye i Kigali ku murwa mukuru w’igihugu c’Urwanda, bavuga y’uko uyu munsi wa Eid Al-Adha batawuhimbaje neza, nk’uko bitegetswe mur’iryo dini. Ni mu gihe, mu kwirinda ikiza ca COVID-19, abantu badashobora guhurira hamwe ngo basangire igisabisho n’imfungurwa.

Ibindi bisa n'ibi