Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 03/08/2020

Publié le 3 août 2020 par Rédaction

I. Imyaka 15 yo gufungwa ni yo Sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Muyinga yaciriye Baltazar Nyabenda arongoye Zone Mwakiro, n’inyuma y’aho yafashwe ku wa kane  w’indwi iheze, agira agandagure musitanteri yahora arongoye komine Mwakiro Sylvie Muhimpundu, ni mu ntara ya Muyinga. Icaha yagiwe akaba ari ugutuka, ugusuzugura abategetsi hamwe no gushaka kwica umuntu.

II. Uburundi ni bwo bugiye kurongora igisirikare kiri mu gikorwa co kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya AMISOM. Lieutenant Général Diomède Ndegeya akaba ariwe asubiriye muri ayo mabanga umunya Ethiopiya Tigabu Yilma. None uyo Lieutenant Général Diomède Ndegeya ni nde? Kahise kiwe mu gisirikare n’akahe?

III. Abasirikare b’Uburundi baheruka gutaha bavuye mu gikorwa c’ukugarukana amahoro muri Centrafrique, barasaba leta ko yobaronsa imishahara yabo y’amezi indwi ibafitiye. Abo basirikare baheruka kugomborwa ubu bari mw’ikambi yo ku Mudubugu, aho bavugako babayeho mu buzima bubi. Bagasaba bashimitse kuronswa ivyo birarane, gurtyo barangure imigambi, kanatsinda ngo ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryarayatanze.

IV. Abakozi b’ishirahamwe Sogea Satom mu Burundi basaba kuronswa amasezerano y’akazi, ashobora gutuma baronswa ingurane mu ma banki canke kuronswa ingurane yo kurungika abana ku mashure, iyo amashure ageze gutangura. Ivyo babisaba kuko amasezerano bahabwa ari ayajanye n’igikorwa bagiye kurangura, bakazomara imyaka n’iyindi bakoresha amasezerano y’amezi atandatu.  Iyo bishitse bakirukanwa naho, bataha zirayoye. 

V. Hari umunyagihugu yitwa Minani Moubarak yaraye yishwe arashwe, n’umupolisi agendanira umushikirizamanza wo mu ntara ya Cankuzo. Nkuko amakuru ava aho mu Cankuzo avyemeza, uwo Moubarak ngo yarashwe ariko aragerageza guhunga mu gihe yagira afatwe yikekwa kwiba iterefone ngendanwa y’umupfasoni w’uwo mushikirizamanza.

VI. Urunani rw’amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana rwatanguje isekeza ryo guhimiriza abanyagihugu b’abirimizi bahurikiye mu ma koperative y’uburimyi, kugira bijukire kuziganiriza imigambi yabo y’uburimyi bivuye ku mwimbu bazoba bashoye kw’isoko. Marie Louise KAMIKAZI, umuyobozi nshingwabikorwa w’urunani rw’amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana RIM mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, yamenyesheje ko iryo sekeza rizotanguzwa n’inyigisho.

VII. Ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT-Burundi ryatanguje isekeza ry’iminsi 5 ryo guhimiriza leta kugira ngo umurengera w’abanyororo uri mu mabohero ugabanuke. Armel Niyongere arongoye ACAT Burundi, amenyesha ko iryo sekeza rigiye gukorwa inyuma y’aho hibonekeje ingorane zitari nke ubu ziri mu mabohero, tudasize inyuma ikiza COVID-19.

Ibindi bisa n'ibi